Indirimbo Zikundwa Open in the app

#804

Mu bihe vyose vyabayeho

Umuco 2

Couplet 1

Mu bihe vyose vyabayeho Iki n’igihe ciza cane Aho tubona neza rwose Ivy’umwami Yesu yavuze-Turabibona imbere yacu Bikatwereka ko hageze Kugira twitunganye neza Maze tuzomusanganire.

Couplet 2

Bakundwa mwese b’Uhoraho Niturwan’intambara nziza Twishimikije ubushobozi Duhabwa n’ijambo ry’Imana-Ni twafata inkota y’Ijambo Tugahagarara tudatinya Satan’azoduhunga ntankeka Twegukir’amarembo y’abansi.

Couplet 3

Satan’arakobeje cane abuz’umugeni kwitegura Akazan’ibisamaza vyinshi Arabe ko tuvyirukira-Ntaco bimaze Bene Data Ntidutwarwen’ibisaya ngana Mukanya gat’ukabibura Ugasigara we wicuza.

Couplet 4

Reka ngusabe Mwami wanje Uhor’umfasha mu rugendo Nzogende mbon’unserukako Igihe cose nzokwambaza-aho niho nzaman’intsinzi Ungwanira ingamba zose Negukir’amarembo yose Y’abansi banj’uko bangana.

Couplet 5

Bana b’Imana Ihoraho Ehe ntagihe gisigaye Co kudibama mur’iy’isi N’imuze twiyeze n’ingoga-Muze twese duhahamire Kubon’ivyo mw’Ijuru iwacu Bitume tuzinukwa rwose Ivy’umwans’agenda twereka.

Couplet 6

Ico nsaba kand’uhoraho N’ukuzobon’abavukanyi Tur’imbere y’Imana yacu Tuvuga duti shimwa Mana-Muze twese duhahamire Kubon’ivyo mw’Ijuru iwacu Bitume tuzinukwa rwose Ivy’umwans’agenda twereka.