Indirimbo Zikundwa Open in the app

#803

Nimurabe mwese

Umuco 2

Couplet 1

Nimurabe mwese, urukundo rw’Umwami Yaje ngaha kw’isi, yemera kwikorera umusaraba. Kugira jewe nawe, turonke ubugingo, Dukir’urupfu rubi, tube bazima kubwa yesu kristo.

Refrain

Kubw’ivyo, nzomushima, nzomushima, Haleluya, nzomushima, Umwami wanje Ningera mw’Ijuru.} x2

Couplet 2

Nico gituma rero, dukwiye kwiyubara Muvyo twokora vyose no muvyo twogenda tuvuga vyose. Tunezerez’Umwami, we yapfuye ku bwacu, Yatugiz’incuti ziwe, maze tuba abaraganwa nawe.

Refrain

Kubw’ivyo, nzomushima, nzomushima, Haleluya, nzomushima, Umwami wanje Ningera mw’Ijuru.} x2

Couplet 3

Iyo je ngendagenda, ndab’ivyaremwe vyose, Ngenda mbon’ubushobozi, buhambaye bw’Imana Ihoraho. Nkuzur’ ishimwe ryinshi ry’iyo Mana nyene, Bigatuma je ntazira, nti Halelua Mana warakoze.

Refrain

Kubw’ivyo, nzomushima, nzomushima, Haleluya, nzomushima, Umwami wanje Ningera mw’Ijuru.} x2

Couplet 4

Ntacobuza k’ushima, muvyo wocamwo vyose, Kukw’ah’uzob’uri hose, uzobona ubwiza bw’Imana yera. Bitume uyizera, ndets’unayizigire, nayo ntizobura kuguserukako, maz’iguhe n’intsinzi.

Refrain

Kubw’ivyo, nzomushima, nzomushima, Haleluya, nzomushima, Umwami wanje Ningera mw’Ijuru.} x2

Couplet 5

Ico nsaba jewe, n’ukwiyeza buri musi Nkama niteguye nkuk’umugeni yiteguriy’umukwe wiwe. Niyaza mugicugu, canke se k’umurango, Az’asange je ndi maso, ndamurindirany’igishika cinshi.

Refrain

Kubw’ivyo, nzomushima, nzomushima, Haleluya, nzomushima, Umwami wanje Ningera mw’Ijuru.} x2