#802
Jewe ndemeza
Umuco 2
Couplet 1
Jewe ndemeza kuko nariyemeje Gukurikira Umukiza wanje Yesu Naho satani we ugum’ungerageza Intumbero yanje n’ugushika Aho mbwirwa ko ngiye gushika {Aho naho ni mw’Ijuru ry’amahoro Har’ivyiza vyibagiz’imibabaro.} x2
Couplet 2
Ingo tugende dushike mw’ivyo vyiza Twaharaniye mukwizera ijambo Tukemangira dushingir’intah’ijambo Ritabesha niryo gakiza kacu Yesu Mukiza naganz’arabikwiye {Sintezura ku gakiza yampaye Ico nirata n’ubuntu n’imbabazi.} x2
Couplet 3
Nzokomeza ngenda mur’urugendo N’inzira nziza Umwami Yesu yaciye Ntambuka neza ndi mw-isezerano ryiwe Nshike kumpera y’ihamagarwa ryanje Ndi mw’ijambo nizeye ry’Umwami {Ndahashitse mbone kuruhuka Ibihimbaye nduge mw’izamurwa.} x2
Couplet 4
Mpanzwe n’isi na satani n’umubiri Ivyo birwanya kugira mpush’ubugingo Naho biruko je nishimikij’ijambo N’ikirwanishwa gihambaye c’ukuri Uryizera ntakorwa n’isoni {Yam’atsindaje m’urugo kwa Data Kukw’ar’umwana azorarw’ubugingo.} x2
Couplet 5
Ntunanirwe mwene Data wakunzwe Fatanya nanje ntituvirir’ ijambo Twisung’ukuri niho harimw’ihumure Rihumuriz’abatay’ivyizigiro Kubw’uruhendo rw’umwansi satani {Niweger’Imana mw’ijambo ryayo Ntakabuza Satan’ azohunga.} x2