Indirimbo Zikundwa Open in the app

#801

Mu rugengendo ruj’i siyoni

Umuco 2

Couplet 1

Mu Rugendo ruj’i Siyoni jewe ndimwo Ngenda mbon’ikiganza c’Umwami Kuko k’ubwanje ntaco jewe no kwishoboza Urets’ubuntu bw’Umwami Yesu-Nzomwizigir’uwo Mwami wanje yampfiriye, Kugira ngo ndonk’ubugingo None mwumva yemwe jewe nokwirat’iki? Atar’ubuntu bw’Umwami Yesu.

Couplet 2

Ndabona vyinshi bituma nizer’Umwami Kuko binyereka kw’agiye kuza Bigatuma nsuzuma nez’ijambo mbwirwa Kugira ngende niyunga naryo-Ntaco nzireguza namba kuri wamusi Ninaba narananiwe kwizera Ninananirwa kwumvir’ijambo mbarirwa Uwo musi kuri je n’urubanza.

Couplet 3

Bakundwa mwese muze twizigir’Umwami Kuk’uyo yemwe n’umudahemuka Umwizigira wese ntakorwa n’isoni Yaman’intsinzi y’Umwami Mana-Nimurabe Dawidi imbere ya Goliyati Ingen’Umwam’ariwe yaserutse Naw’azoguserukako we Mwene Data Niwamwizer’ukamwizi gira.

Couplet 4

Iki n’igihe co kwumvisha amatwi yacu Ijambo ryose twama tubwirwa Nico gihe co kubonesha n’amaso yacu, Igihe turimwo yemw’ic’arico-kukw’ ivyahanuwe vyose vyaraserutse Vyerekana ko tugira dutahe, kand’arihafi nguy’ageze kw’irembo ncuti Ntupfish’ubuntu bw’Iman’ubusa.