#800
Mana yera Mana y’imbabazi
Umuco 2
Couplet 1
Mana yera Mana y’imbabazi Mana y’ikigongwe n’ubuntu bwinshi Mana Nkuru kandi utey’ubwoba {Gir’ubuntu nkuk’ubimenyereye.} x2
Refrain
Ehe raba Mwami ibihe ngezemwo Mu ntambara zose nsa n’unanirwa Sinshoboye Mwami ntubiyobewe {Gir’ubuntu Man’uhez’untabare.} x2
Couplet 2
Mana nkuru kand’utey’ubwoba Inkomoko y’ivyaremwe vyose Mana y’inkomezi zidashira {Ngwin’unkize Mana sindengerwe.} x2
Refrain
Ehe raba Mwami ibihe ngezemwo Mu ntambara zose nsa n’unanirwa Sinshoboye Mwami ntubiyobewe {Gir’ubuntu Man’uhez’untabare.} x2
Couplet 3
Nta nkomezi zanje zompakunesha Imbaraga zanje ntizishoboye Ntuyobewe ko nd’umunyantegenke {Ntumbe kure Mana ngwin’unkize.
Refrain
Ehe raba Mwami ibihe ngezemwo Mu ntambara zose nsa n’unanirwa Sinshoboye Mwami ntubiyobewe {Gir’ubuntu Man’uhez’untabare.} x2
Couplet 4
Mw’iki gih’umwansi arakobeje Kunaniz’ abana bawe benshi Rab’azana ibice no kwitandukanya {Dutabare Mana umudukize.} x2
Refrain
{Ntiwigera Mana unanirwa Ntah’inkomezi zawe zizoshira N’useruke Mwami nkuko wahoze {N’utabare Man’Abasavyi bawe.} x2
Couplet 5
Teg’amatwi Mana murik’igihe Ugusenga kw’ishengero ryawe Kw’ari we watanguy’ikigikorwa {N’useruke Man’ugiheraheze.} x2
Refrain
{Ntiwigera Mana unanirwa Ntah’inkomezi zawe zizoshira N’useruke Mwami nkuko wahoze {N’utabare Man’Abasavyi bawe.} x2