#799
Raba satani atonz’uru
Umuco 2
Couplet 1
Raba Satani atonz’urugamba Kand’akoresha bimwe biboneka Bamwe mu baboneka ko basenga Bakarwa no mu mitego batazi {Mwami Yesu Mana yera Ngirir’Ubuntu nzigame Agakiza.} x2
Couplet 2
Bitey’intimba bitey’ubwoba K’uwo wese yonanirwa gushika Ar’umwana w’Imana yizey’Ijambo Bitayeko ryaduciriy’inzira {Mwami Yesu Mana yera Ngirir’ubuntu nzigame agakiza.} x2
Couplet 3
Bitey’ubwoba be n’agahinda Kubahendwa n’isi bagat’inzira Bakareka no kwumvira Ijambo Rishitsa ahera abaryizeye {Mwami Yesu Mana yera Mpa kwumvira n’ubahiriz’ijambo.} x2
Couplet 4
Umurwanizi ntahengeshanya Mukungwanya mu nzira niciramwo Arwiz’intambara mu kwizera kwanje Ngw’ahungabanye agakiza kanje {Ivyo bimpanze vy’umurwanizi Vyose Mwami n’ubite mu kiyaga.} x2
Couplet 5
Naho ngendera mw’irinde ryinshi No mungorane z’urutavanako Wewe Mukiza warampfiriye Wam’untabara kand’uncir’inzira {Ntundeke Mwami kwam’undwanira Nkingir’imyampi y’uwo murwanizi.} x2
Couplet 6
Yesu mucunguzi wanje wankunze Nkuramw’inkamba n’agasembwa kose Vyonyihishamwo bigakweg’icaha Ndakwinginze unyezesh’amaraso {N’unyeze rwose ungir’uwera Nse n’umugeni aberey’umukwe.} x2
Couplet 7
N’ubwo iy’isi yobonekako Hariho ico jewe yomarira Sindayishaka kuko ngezaho Mparanira inyungu z’ivy’ijuru {Mwami Yesu Mana Yera N’unshoboze kwama ngukorera.} x2
Couplet 8
Ibisa neza vyose vyo mw’isi vyonkwega Bigomba yuko noja kure y’Imana Sindabishaka kuko je noba ngowe Mpushij’ivyiza vy’ukuri kw’Ijambo {Mwami Yesu Mana Yera N’umfashe kwemangir’ivyo nizeye.} x2
Couplet 9
Ndarwan’intambara nkaruha cane Ndiko ngwanya Satani n’umubiri Bingwanya hamwe n’isi yuy’umunsi Ntabara Yes’unyonger’inkomezi {Sintezura Mwami n’umfashe Gushika ntsinze ntabaruk’ amahoro.} x2
Couplet 10
Nzokwama nd’imbere yawe Mwami Yesu, Ndi nk’ibumba umbumbe uk’ushaka Ivyo nokora vyose umwanya nkihema Bize bincire urubanza rwiza {Nyuzuz’ijambo nuzure mpwemu Nerekwe gukor’ ic’ugomba Mwami.} x2