Indirimbo Zikundwa Open in the app

#786

Ico umutima wanje wifuza

Umuco 2

Couplet 1

Ic’umutima wanje wifuza N’ukwitondera Ijambo ry’Imana Nkama ndongorwa nary’igihe cose Ivyo bizompa kub’amahoro Maze nkaba mur’iyi si Ariko yemwe ntayirimwo {Oh! Mbeg’amahirwe yo kugendana n’Imana.} x2

Couplet 2

Buri musi twama tubwirwa Ivy’ukugaruka kw’Umwami wacu Bene data nitwisuzume Uko tugenda ko dutunganye Twikebuke, twiyambure vyose Niho tuzobon’ intsinzi y’Umwami {Mbeg’amahirwe yo kugendana n’Imana.} x2

Couplet 3

Mwami Yesu n’untunganye rwose Uhindure vyose muri jewe Ingingo zanje uko zingana Zikor’ibiguhesh’icubahiro Maze mbeho ndongorwa nawe Kamere yawe ab’ariy’inganza {Mbeg’amahirwe yo kugendana n’Imana.} x2

Couplet 4

Ndashim’Imana mu mutima wanje Kubona yemwe naramenywe nayo Nkaba jewe numv’Ijambo ryayo Ijambo rizima riva mw’Ijuru Turyumvire bana b’Imana Niryo rizoduha gushik’iwacu {Tukazobon’icatumye duhamagarwa.} x2

Couplet 5

Ncuti yanje n’uhitemwo neza Ba kuruhande rw’Ijambo ry’Imana Ter’umugongo ivy’ubona vyose Ivyo nibiza kugusamaza Ntuter’intambwe mu rugendo rwawe Maz’uzobur’umugabane wawe {None ba mas’ubone kugendana n’Imana.} x2