Indirimbo Zikundwa Open in the app

#787

Uhoraho Mana yanje

Umuco 2

Couplet 1

Uhoraho we Mana yanje Ni wewe gusa wam’umfasha Igihe cose ngutakambiye Wam’unserukak’ukantabar a.

Refrain

(None) Nico gituma jewe Nzokwama, Ndagushima ndetse ndaguhimbaza (Haleluya) Mugihe cose jewe nkiriho Kuko Mwami wanj’urabikwiye.

Couplet 2

Ndashimir’Umwami wanje cane Kubona twumv’Ijambo ry’Imana Rituma yemwe twitandukanya N’ivyanduye vyose vyo mw’iy’isi.

Refrain

(None) Nico gituma jewe Nzokwama, Ndagushima ndetse ndaguhimbaza (Haleluya) Mugihe cose jewe nkiriho Kuko Mwami wanj’urabikwiye.

Couplet 3

Kubw’iryo jambo jewe numva Nama ngavye cane muri jewe Kugira ngw’ico jewe mbarirwa Ntihagire na kimwe kincika.

Refrain

(Kuko) Noba ngowe cane bene data Ntabereye maso ubugingo bwanje Kuko nosangir’umugabane N’abatigeze bameny’Imana.

Couplet 4

Kubw’ivyo ewe mubiri wanje Reka kunyerek’ivy’iki gihe (oya namba) Bijana vyose imahonero Ah’azam’imibabaro yose.

Refrain

(Kuko) Noba ngowe cane bene Data Ntabereye mas’ubugingo bwanje Kuko nosangir’umugabane N’abatigeze bameny’Imana.

Couplet 5

Kubw’ivyo nawe mutima wanje Niwizere kandi wizigire Umwami Yesu umuremyi wawe Azogushitsa mw’Ijuru iwanyu.

Refrain

Aho rero hazoshika bande? Nabafashe nez’Ijambo ryayo (haleluya) Bakarikora bakaryumvira Nibo bazobon’Umwami Yesu.

Couplet 6

Mwami Yesu Mana y’urukundo Turakwihaye twes’uko turi Niwikorer’igikorwa cawe Utweze maze dutah’iwacu.

Refrain

Iyo mw’Ijuru twateguriwe Tuzobon’ivyo tutari bwabone Maze turuhuk’imiruho yose Twibere mu mahor’ahoraho.