Indirimbo Zikundwa Open in the app

#785

Kw’igishitsi ari icera

Umuco 2

Couplet 1

Kw’igishits’ari cera N’amashami nikw’ameze, Ariko namb’amashami amweyarahanyuwe, Naw’uri kija ca Elayo catewe, Nk’ingurukizi hagati mu mashami {Usangira nayo ubukame bw’igishitsi ca Elayo bwite.} x2

Couplet 2

Eka ntiwihayagize namba kurayo mashami, Namb’uyihayagizako, s’igishitsi kikumezeko, Rero wovug’uti amashami yahanyuwe, kugira ngo nowe nawe uterweko {Ukutizera nikwo kwayahanyuye naw’ushirwako n’ukwizera.} x2

Couplet 3

Ntiwibone mwene Data ca bugufi wiyubare, Kukw’Iman’itagiriy’ikigong we amashami bwite, N’utaguma mu kwizer’uzohanyurwa, Ukugira neza kw’Imana n’imbabazi {Ariko kubaguye n’ubuhambazi kuko batumviye ijambo.} x2

Couplet 4

Niwibaze mwene Data, iryo jambo ico rivuga, riza ryereka neza uwizeye ukwamera, Uwizera yizera ijamboo {Naw’uti fatanya niryo jambo Uzohanyurwa ko wanse kuryizera.} x2

Couplet 5

Aho tushitse dushime kubw’ubuntu twagiriwe, Twar’abanyamahanga, Ubu tur’ihanga ryera, Twari kure y’ijambo ry’Uhoraho, Arik’ubu turi mw’ijambo ry’ukuri, {Naw’uti fatanya niryo jamb’uzohanyurwa, ko wanse kuryizera.} x2