Indirimbo Zikundwa Open in the app

#784

Iyo mpwemu ari muri jewe

Umuco 2

Couplet 1

Iyo Mpwemu ari muri jewe Ndaririmba nkasenga cane Iyo Mpwem’ari muri jewe Bituma ngendera mw’ijambo Iyo Mpwem’ari muri jewe Nizer’ibitabonwa n’abandi Iyo Mpwemu ari muri jewe Bituma je naman’intsinzi.

Couplet 2

Bene Data bakundwa mwese Muze tuyoborwe na mpwemu Uwo mpwemu yer’aganza Ntasubira kubonek’ukundi Uwo mpwemu w’Imana mwumva Akumenyesh’ibigiye kuza Ukameny’igihe ugezemwo Bituma witonder’ijambo.

Couplet 3

Mpwemu yera niy’atuganza Tuzotsinda kamere kose Mpwemu yera niy’atuganza Azirukan’ivy’umubi vyose Uwo Mpwemu w’Imana yemwe Atsindaze mu bugingo bwacu Mpwemu w’Imana n’atuganze Tub’amahor’imisi yose.

Couplet 4

Mpwemu w’Imana wam’uganza Nanje name ndirimb’iteka Mpore ngend’uko wam’ugomba Naw’uhor’unezerererwa Mpwemu yera niwam’uganza Nzitonder’ivy’ungera vyose Mpwemu w’Imana wam’uganza Nzama ngushim’imisi yose.

Couplet 5

Nzam’amahor’ imisi yose Niyo Mpwem’ agumanye nanje Nzohora nantaryo musaba Kugira name nyoborwa nawe Kukw’abana b’Imana bose N’abarongorwa na mpwemu yera Aho niho nzama mushima Kandi jewe name mpimbaza.