#783
Igikorwa n’icawe
Umuco 2
Couplet 1
Igikorwa n’icawe Muremyi w’ijuru Wewe wubaka urusengero rw’ukuri Arirwo umubiri w’uw’ukwizeye Agakor’ibigushimisha Mukiza.
Refrain
Rek’Umwami Yesu yubake Ub’urusengero rwiwe Kuko wew’aba mu mitima y’abamwizeye {Ntaba mu zubatswe n’abantu.} x2
Couplet 2
Reka Umwami Yesu avuge tumwumve Abiwe bahinduke bafat’intumbero Icagomba n’uko atawokerererwa Muh’ikaze ub’urusengero rwiwe.
Refrain
Rek’Umwami Yesu yubake Ub’urusengero rwiwe Kuko wew’aba mu mitima y’abamwizeye {Ntaba mu zubatswe n’abantu.} x2
Couplet 3
Erega iy’Umwami Yes’arikw’akora Satani nawe arondera ico yonona Ntiyihende yibaza kw’Imana inanirwa Igiye kudukiz’ingoyi za wa mubi.
Refrain
Rek’Umwami Yesu yubake Ub’urusengero rwiwe Kuko wew’aba mu mitima y’abamwizeye {Ntaba mu zubatswe n’abantu.} x2
Couplet 4
Igikorwa c’Imana kigez’ahabona Ntutinye kwatur’Umwami Yes’icarico Uwiw’atez’ugutwi agir’ico yumva N’ijambo yipfuza yahahamiye kera.
Refrain
Rek’Umwami Yesu yubake Ub’urusengero rwiwe Kuko wew’aba mu mitima y’abamwizeye {Ntaba mu zubatswe n’abantu.} x2
Couplet 5
Gukomantaz’imitima ntibizobura N’ubugarariji mu bantu b’iki gihe Mwene Dat’ivyo ntibigusamaze namba Ntanakimwe kizobuz’Imana gukora.