#782
Reka manuke nce bugufi
Umuco 2
Couplet 1
Reka manuke nce bugufi ninjiy’ahera Mungoro y’Uhoraho ndamushime Nongere ndamutur’ishimwe ridudubiza ubudasiba mu mutima wanje.
Refrain
Iryo shimwe ridudubiza (Muri jewe) Ndaryaturir’Umukiza yabambwe {Azir’ivyaha vyanje.} x2
Couplet 2
Ishimwe dufis’aho twopfukama hose Tubon’umuco w’Uhorah’Imana Ikibanza twasengeyemwo cose twabonye Ikiganza c’Umukiza yabambwe.
Refrain
Iryo shimwe ridudubiza (Muri jewe) Ndaryaturir’Umukiza yabambwe {Azir’ivyaha vyanje.} x2
Couplet 3
Ishengero ry’Uhoraho riciye bugufi Imbabazi ziwe zishishikara Gucuncubukira kw’ihanga ry’Umwami Yesu, Reka rero tumushimire Kristo.
Refrain
Iryo shimwe ridudubiza (Muri jewe) Ndaryaturir’Umukiza yabambwe {Azir’ivyaha vyanje.} x2
Couplet 4
Mwa bahungu mwa bakobwa ntidutinye namba, Gushingir’intahe z’ukuri z’Imana Ivyo twabonye tukumva tugakabakaba Vyose tubishobozwa kubw’ubuntu.
Refrain
Iryo shimwe ridudubiza (Muri jewe) Ndaryaturir’Umukiza yabambwe {Azir’ivyaha vyanje.} x2
Couplet 5
Iy’Ijambo rihanura rikisubiriza Riba ryitez’igihinduka cane Mu bana b’Imana bashishikara kwinjira Bagifis’inyigisho z’amadini.
Refrain
Iryo shimwe ridudubiza (Muri jewe) Ndaryaturir’Umukiza yabambwe {Azir’ivyaha vyanje.} x2
Couplet 6
Ntukiganyire we mwana w’Imana Ah’uri, N’uz’’usengera k’umutima wawe Ucurir’intimb’Umukiza ya kubambiwe Nawe ntatebagana ku kwitaba.
Refrain
Iryo shimwe ridudubiza (Muri jewe) Ndaryaturir’Umukiza yabambwe {Azir’ivyaha vyanje.} x2
Couplet 7
Abatama mw’ishengero Fatan’amaboko, turirimbe mu gutazir’Imana Ibikorwa vyose mw’izina rya Yesu Kristo Bihesh’ icubahir’ Imana yacu.