Indirimbo Zikundwa Open in the app

#781

Ishengero ryavuye

Umuco 2

Couplet 1

Ishengero ryavuye mu maraso y’Umwami Yesu Kristo Iryo niryo shengero ry’ukuri Imana yemera.

Refrain

Nta hand’Ishengero ry’Imana ryubatse Atari ku Rutare kuk’urwo Rutare ni Yesu Kristo Atanga Guhishurirwa.

Couplet 2

Yesu yaraciye umugani avuga kububaka Umwubatsi w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku Rutare.

Refrain

Nta hand’Ishengero ry’Imana ryubatse Atari ku Rutare kuk’urwo Rutare ni Yesu Kristo Atanga Guhishurirwa.

Couplet 3

Umwubatsi w’ikijuju nawe yubaka ku musenyi Nico kimwe n’ishengero ryubatse k’umwana w’umunt’apfa.

Refrain

Nta hand’Ishengero ry’Imana ryubatse Atari ku Rutare kuk’urwo Rutare ni Yesu Kristo Atanga Guhishurirwa.

Couplet 4

Ishengero ryatangujwe n’ubwenge bw’abantu rizotemba Ariko iryavuye mu guhishurirwa ni naryo rizozamurwa.

Refrain

Nta hand’Ishengero ry’Imana ryubatse Atari ku Rutare kuk’urwo Rutare ni Yesu Kristo Atanga Guhishurirwa.

Couplet 5

Mwene Dat’uri hano uyu munsi suzum’uko wubatse Ubwo wubatse kuri Yesu Kristo canke ku mwana w’umuntu.

Refrain

Nta hand’Ishengero ry’Imana ryubatse Atari ku Rutare kuk’urwo Rutare ni Yesu Kristo Atanga Guhishurirwa.

Couplet 6

Imana iravug’iti haravumwe uwizigiy’umuntu Ikavug’iti harahezagiwe uwizigiy’Uhoraho.

Refrain

Nta hand’Ishengero ry’Imana ryubatse Atari ku Rutare kuk’urwo Rutare ni Yesu Kristo Atanga Guhishurirwa.

Couplet 7

Mwami Yesu Kristo udufashe twubake kuri wewe Isuri n’imiyaga nivyaza Ntibizokudukurako.