Indirimbo Zikundwa Open in the app

#780

Inzira y’abana b’imana

Umuco 2

Couplet 1

Inzira y’abana b’Iman’ihoraho N’inzira y’abayoborerwa mw’ijambo N’inzir’ifungany’arikw’icam w’abihangana N’inzira nziza ncuti muze dukomeze.

Couplet 2

Nturab’ivy’ugend’ucamwo mur’iy’isi Nurabe gus’ic’Ijambo rikubwira Ucitwararike uzobon’umwam’aseruka Akunesherez’ivy’ubonako bikomeye.

Couplet 3

Turafis’ivyitegererezo mw’iy’inzira Batwitangiy’imbere kubw’umukiza Ko dufis’abera bambere bayiciyemwo Nimuze tureme mu mitima yacu.

Couplet 4

Mwami w-urukundo wewe mwami twizeye udufashe twes-abana baw-uko turi Tubonah-igihe kigewe twiyeze rwose Kuk-uzoja uwejejwe atunganye rwose.

Couplet 5

Mfasha Mwami wanje kwama niteguye muvyonkora vyose name nkuyoboka igih-uzozira uzusan ge gutegereje Namba y-ukugororoka kwawe Mana.

Couplet 6

Mubiriho vyose ntaco kuntirimutsa kuko ntagaciro ndabibonamwo Icombna jewe nukugendera mw-ijambo Iryo gusa niryo rifise ico rimaze.

Couplet 7

Nawe ncuti yanje ukoraniyah-uyumusi ndaguhanura ko wokwiyubara kugira Naw’Umwami niyaza aze asange witeguye Ahandi ho uzoba ugowe usigaye mw’isi.

Couplet 8

Ewe Mwami Yesu Man’Ihoraho Turakwifpuza abawe uzudukure Mur’iy’si y’imiruho myinshi Maze twibanire nawe mu Bwami bw’Ijuru.