Indirimbo Zikundwa Open in the app

#775

Twitonde cane mw’iy’isi

Umuco 2

Couplet 1

Twitonde cane mw’iy’isi Kugira ntituzimizwe Turab’uwutorongora Ni Kristo yaducunguye.

Refrain

{Yesu Mwami utuj’imbere Duhe kuguhishurirwa.} x2

Couplet 2

Tumwumvire muri vyose Yesu niwe muco wacu Niwe mwungere w’intama N’imbur’iyo n’umwumvire.

Refrain

{Yesu Mwami utuj’imbere Duhe kuguhishurirwa.} x2

Couplet 3

Niwe muganga dufise Ivyatunaniye vyose Niwe wabidushoboza Mwagukire, mwagukire.

Refrain

{Yesu Mwami utuj’imbere Duhe kuguhishurirwa.} x2

Couplet 4

Nimb’ugowe n’umubiri Yes’afis’umuti wawo Mwinjiremwo, mwinjiremwo Nawe aragutabara.

Refrain

{Yesu Mwami utuj’imbere Duhe kuguhishurirwa.} x2

Couplet 5

Ntidusamazwe n’ubusa Yesu ari kumwe natwe Muh’umwanya, muh’umwanya Akorere muri wewe.

Refrain

{Yesu Mwami utuj’imbere Duhe kuguhishurirwa.} x2

Couplet 6

Ntuzogire urwitwazo Ntanakimw’ataguhaye N’uvyakire, n’uvyakire Ushobore gutunganywa.

Refrain

{Yesu Mwami utuj’imbere Duhe kuguhishurirwa.} x2

Couplet 7

Ntawari kudutabara Mukaga kenshi twarimwo Yesu yaradutabaye Ases’amaraso yiwe.

Refrain

{Yesu Mwami utuj’imbere Duhe kuguhishurirwa.} x2

Couplet 8

Haleluya Yas’ashimwe Urupfu yararutsinze Yanesheje n’ikuzimu Ubu dufis’amahoro.

Refrain

{Yesu Mwami utuj’imbere Duhe kuguhishurirwa.} x2

Couplet 9

Imisozi irahunga Satan’aramaramara Imiyag’iraceceka Mw’izina rya Yesu Kristo.

Refrain

{Yesu Mwami utuj’imbere Duhe kuguhishurirwa.} x2

Couplet 10

Nitwamwizigira rwose Tuzomera nk’umusozi Siyon’utanyiganyiga Nik’umwami (Yesu) yabivuze.

Refrain

{Yesu Mwami utuj’imbere Duhe kuguhishurirwa.} x2