#776
Harih’ibihe vyiza
Umuco 2
Couplet 1
Harih’ibihe vyiza binezer’abizera Baharanira kuva kera hose, kuzobishikamwo. Nivy’ubugingo bwiza bubikiw’abizera, Nshoboza na jewe Mukiza wanje Yesu, nzobishikemwo.
Refrain
Nshoboza Mwami Yesu kugira Nze nkubone wewe wambambiwe N’abahanuzi babayeho ibihe vyose Dukoraniye hamwe Abera bawe {Turirimba twese ya Ndirimbo nsha.} x2
Couplet 2
Bamwe mu Bizera bararwaniy’ Ukwizera Mu bihe vyakera no mur’ibi bihe barasinziye. Barindiriye kwumva ya nzamba n’ivuga, Bazikangura bahitan’abakiriho, duce tuzamurwa.
Refrain
Nshoboza Mwami Yesu kugira Nze nkubone wewe wambambiwe N’abahanuzi babayeho ibihe vyose Dukoraniye hamwe Abera bawe {Turirimba twese ya Ndirimbo nsha.} x2
Couplet 3
Turumva bamwe kure bashingirw’intahe Ntitwigeze tubonana amaso muyandi, tuzobabona. Har’abandi basinziriye twari turi kumwe Abo bose inzamba ni yavuga, tuzobonana.
Refrain
Nshoboza Mwami Yesu kugira Nze nkubone wewe wambambiwe N’abahanuzi babayeho ibihe vyose Dukoraniye hamwe Abera bawe {Turirimba twese ya Ndirimbo nsha.} x2
Couplet 4
Imburi nyinshi cane ziravurwa mw’ijambo, Zo gutegura umugeni wa Yesu kugira abe maso. Eh’uruvyaro rw’inkomoko rugiye kwinjira, Mu mugabane w’ubuzima buhoraho, n’uw’ibihe vyose.
Refrain
Nshoboza Mwami Yesu kugira Nze nkubone wewe wambambiwe N’abahanuzi babayeho ibihe vyose Dukoraniye hamwe Abera bawe {Turirimba twese ya Ndirimbo nsha.} x2
Couplet 5
Nta kindi gihe co kwiyeza atari iki Nyene, N’unyeze Mwami Yesu uy’umutima wanje ubu nkiriho. Umwanya n’uyu mfise mfasha kukwemangira, Gupfa no kubaho bize bimber’inyungu, mu Mwami Uhoraho.