#774
Ntuziger’uvanga
Umuco 2
Couplet 1
Ntuziger’uvang’Ukuri n’ikinyoma Kuko nuger’imbere bizob’amadidane {Ubur’inzir’ahica naho wayitanguriye Bitume woshwa nabi ugay’ijambo ry’Imana.} x2
Refrain
{Iyo mpanuro n’iy’umwana w’Imana Yizeye Yesu Krist’agahishurirwa Ibanga ry’Imana akameny’iyi Nzira.
Couplet 2
Ntuzigere wubaka Babeli mu mutima Kuko gatoyi gusa bizosenyuka vyose {Ubure ic’ukora nic’ureka ncuti Bitume unanirwa gusozer’igikorwa.} x2
Refrain
{Iyo mpanuro n’iy’umwana w’Imana Yizeye Yesu Krist’agahishurirwa Ibanga ry’Imana akameny’iyi Nzira.
Couplet 3
Reka kwifata mwene data uk’utari Erekan’akaranga k’umukristo ashitse {Kuko niwibwira k’uri nk’abandi bose Uzosanga wubatse idini muri wewe.} x2
Refrain
{Iyo mpanuro n’iy’umwana w’Imana Yizeye Yesu Krist’agahishurirwa Ibanga ry’Imana akameny’iyi Nzira.
Couplet 4
Ntuzigere wibagir’ivy’Imana igukorera Bizotum’ushikama mw’ijambo ry’Imana {Imana nayo bizoyinezereza Ikwonger’inkomezi usozer’amahoro.} x2
Refrain
{Iyo mpanuro n’iy’umwana w’Imana Yizeye Yesu Krist’agahishurirwa Ibanga ry’Imana akameny’iyi Nzira.