Indirimbo Zikundwa Open in the app

#773

Nzokorera Imana

Umuco 2

Couplet 1

Nzokorer’Imana mu minsi nsigaje Nzokwizer’Imana mu misi nsigaje Nzotazir’Imana mu misi nsigaje Ndanayizigire mu misi nsigaje {Kukw’ivyo yankoreye ni vyinshi cane Sinoronk’amajambo yo kubisigura Uru rurimi rwanje rwame Rumushima, Kukw’arabikwiriy’Um wami Yesu Kristo.} x2

Couplet 2

Aya matwi yanje yama yumv’ijambo Iry’abandi bose batigera bumva Ariko Mukiza nkama ndaribwirwa Kugira nshobore gusa naryo hose {None Mwami n’umfashe kwamandigendera, Niho je nzoshobora kwer’imbuto zaryo, maze jenerekan’ akaranga k’iwacu Aho nzoba ndi hose ko je nd’Umukristo.} x2

Couplet 3

Bana b’Imana mwese mwizer’umwami Kw’imbabazi zayo n’iz’ibihe vyose Yam’ituzigam’ikaturwanirir a Mubidushikira ntanakimwe itazi {Ninde yobur’ishimwe ryo gushim’Imana N’uwob’atarifise narab’ivyaremwe Maz’abon’ububasha bw’Iman ihambaye Bimutere gushim’Imana yaremye vyose.} x2

Couplet 4

Ndahimbaz’Imana kuko nabihawe Ndayishima cane kubw’ubunt’igira Nkaririmba cane ko namenywe nayo Nkaba nd’umwe mubagiriw’ubwo buntu {Ninde yobur’ishimwe ryo gushim’Imana N’uwob’atarifise narab’ivyaremwe Maz’abon’ububasha bw’Imana ihambaye, Bimutere gushim’Imana yaremyevyose.} x2

Couplet 5

Tugeze mu gihe ciza k’uwizeye Ah’agira aje kubon’ivyasezeranywe K’uwutizera n’igihe kibi cane Ah’azaman’amarir’imisi yose {Ncuti niwitegure ugifis’umwanya Ah’imbere haraho bitazoshoboka Uyu n’umunsi mwiza wogukirizwamwo Ca bugufi ureke kutumvir’ijambo.} x2

Couplet 6

Ijambo rirahanur’imisi yose Nah’umw’ umwe wese kwiyuzuza naryo Ntac’uzireguza n’utaba muri ryo Kuko niryo mababa azotugurukana {Ncuti niwitegure ugifis’umwanya Ah’imbere haraho bitazoshoboka Uyu n’umunsi mwiza wogukirizwamwo Ca bugufi ureke kutumvir’ Ijambo.} x2