Indirimbo Zikundwa Open in the app

#749

Intambara ncamwo

Umuco 2

Couplet 1

Intambara ncamwo zimfasha kub’umwizigirwa w’Uhoraho Umwami Yesu niw’amp’intsinzi Kugira ngo nesh’umwansi.

Refrain

Kuko tutarwanish’umubiri Iyo turwana n’impwemu mbi N’intambara yo kwizeraaa Irwanirwa muri Mpwemu.

Couplet 2

Igihe ca nyuma kirahambaye Kubizey’umwami Yesu Satani yahagurutse n’ingabo ziwe Kugir’ Arwany’ Umugeni.

Refrain

Kuko tutarwanish’umubiri Iyo turwana n’impwemu mbi N’intambara yo kwizeraaa Irwanirwa muri Mpwemu.

Couplet 3

Haranir’ukwizera kugirawitwe Umwizigirwa mu rugendo Iy’imiruho niyo izotuma Uronk’Intsinzi muri vyose.

Refrain

Kuko tutarwanish’umubiri Iyo turwana n’impwemu mbi N’intambara yo kwizeraaa Irwanirwa muri Mpwemu.

Couplet 4

Mbega mwene data nawe uripfuza Iyo ntsinzi ihambaye Ibonerwa mu maraso y’Umwami Yesu Yaviriye abizera.

Refrain

Kuko tutarwanish’umubiri Iyo turwana n’impwemu mbi N’intambara yo kwizeraaa Irwanirwa muri Mpwemu.

Couplet 5

Nzohora nshima nishimir’ Ubuntu N’imbabazi vy’Umukiza Vyama bimbera jewe igitutu Mu rugendo nj’isiyoni.