Indirimbo Zikundwa Open in the app

#750

Mbega umunezero nagize

Umuco 2

Couplet 1

Mbega umunezero nagize Hamwe nahumuk’amaso nkabona Nkamenya gutandukany’inyigisho Z’ibinyoma hamwe niz’ukuri-Car’igihe kitar’ic’umurango Kandi ntikibe n’igihe c’ijoro {Ariko hageze kukagoroba Umuco w’Umwami waciye waka.} x2

Refrain

Urukundo rwayo ruhebuje Rwatumy’abambwa ku musaraba Urukundo rwayo ruhebuje Rwankuye i Babuloni Urukundo rwayo ruhebuje Rwankuye mu bakure bo mw’isi Urukundo rwayo ruhebuje {Rwatumye nizer’ubuhanuzi.} x2

Couplet 2

Amadini akomeza kurwira Icaha naco kikiyongeranya None abo bagabo batumwe nande? Ko badafise ubushobozi ku caha-Bama big’ariko ntibashikira Kumeny’ukuri kw’Umwami wacu Yesu Baca birundaniriz’abigishwa {Boba bahuje n’ukwipfuza kwabo.} x2

Refrain

Urukundo rwayo ruhebuje Rwatumy’abambwa ku musaraba Urukundo rwayo ruhebuje Rwankuye i Babuloni Urukundo rwayo ruhebuje Rwankuye mu bakure bo mw’isi Urukundo rwayo ruhebuje {Rwatumye nizer’ubuhanuzi.} x2

Couplet 3

Nkuk’umugore w’agatetereza Abik’imungu mw’igupfa ry’umugabo Niko n’ishengero ry’ibinyoma Rib’agacuku imbere y’Imana-Nkuko kand’umugor’ aca bugufi Ab’uwukundwa n’umugabo wiwe Niko n’ishengero ritunganye {Rib’ikimota imbere y’Imana.} x2

Refrain

Urukundo rwayo ruhebuje Rwatumy’abambwa ku musaraba Urukundo rwayo ruhebuje Rwankuye i Babuloni Urukundo rwayo ruhebuje Rwankuye mu bakure bo mw’isi Urukundo rwayo ruhebuje {Rwatumye nizer’ubuhanuzi.} x2

Couplet 4

Mwami Yesu komeza gutunganya Ibinyoma bije kure y’ukuri Uburyarya kwiyorobeka vyose Bisendwe bije kure y’abawe-Maze weze utunganye ishengero Ryawe Yesu rib’iriguhimbaye Mpwemu yera yuzur’ihanga ryawe Abana bawe twezwe tuzamurwe.