#748
Ewe Mwami Yesu n’uz’ukize
Umuco 2
Couplet 1
Ewe Mwami Yesu n’uz’ukize Ishengero ryawe, Ewe Mwami wanje n’uz’ukize abana bawe, Ewe Mwami wacu n’uzuduh’inkomezi, Ewe Mana yacu n’uz’uduh’ubushobozi.
Refrain
Rab’ivyo wavuze Mwami, Vyose ehe vyarashitse, Ubutumwa bw’ubwami Bwakwiye mw’isi yose {Ijambo ritegura Umugeni ryarashitse.} x2
Couplet 2
Rab’abakozi bawe Mwami bararushe Rab’ishengero ryawe Mwami rirarushe Uzoza ryari Mwami kudukura mu miruho Kaze Mwami wacu udukure mur’iyi si.
Refrain
Rab’ivyo wavuze Mwami, Vyose ehe vyarashitse, Ubutumwa bw’ubwami Bwakwiye mw’isi yose {Ijambo ritegura Umugeni ryarashitse.} x2
Couplet 3
Iki gihe turimwo Mwami n’uz’udufashe Umwansi yavyuy’intambara mur’iki gihe canyuma, Bamwe arabazimiza basubira gukor’ivyaha, Benshi basubir’inyuma baheba Inzira y’ukuri.
Refrain
Rab’ivyo wavuze Mwami, Vyose ehe vyarashitse, Ubutumwa bw’ubwami Bwakwiye mw’isi yose {Ijambo ritegura Umugeni ryarashitse.} x2
Couplet 4
Rab’ivyahanuwe vyose vyaramaze gushika, Ijambo ritegura Umugeni ryarashitse, Duh’umutwaro Yesu kugiratugukorere, Kugira bawe twese tuzozamurwe.