#732
Twitez’ivyiza vy’ijambo
Umuco 2
Couplet 1
Twitez’ivyiza vy’ijambo ry’Imana Vyose twabwiwe ko bigiye gushika Gir’ukwihangana {Umwami Yesu n’Ijambo ryiwe Ntah’asezerana ngw’areke gushitsa.} x2
Couplet 2
Twitez’ivyiza vyokuzumv’inzamba Ihumuriza abana b’Uhoraho ko tugiye gutaha {Ubu butame turimwo bw’isi Tuzoburuhuka n’ubw’igihe gito.} x2
Couplet 3
Twitez’ivyiza kuzobon’umusi Umusi mwiza wokuruhuk’imiruho yo mur’iyi si mbi {Uzob’umusi w’umunezero uzotwibagiza iyi mibabaro.} x2
Couplet 4
Twitez’ivyiza kuzobon’umukwe Ariw’Umwami Yes’ahagaze mu bicu arindiriy’umugeni {Mwana w’Imana ariwe mugeni Azigurukira asanganir’Umukwe.} x2
Couplet 5
Twitez’ivyiza kuzobon’abera Bo kwisi bose bakikuje Umwami Ahera mw’Ijuru {Intahe nziza za bene data Tuzozumviraho na yandirimbo nsha.} x2
Couplet 6
Twitez’ivyiza mwene data nkunda Gir’ukwizera ntukekeranye namba N’ufungur’ijambo {Mur’iryo jambo ryera ry’ukuri Nituryizigire rizodushitsa yo.} x2