Indirimbo Zikundwa Open in the app

#731

Mwa bahizi b’uhoraho

Umuco 2

Couplet 1

Mwa Bahizi b’Uhoraho (Haguruke) Muje kumusozi muremure (Murabe neza) Abiraritse n’abazimiza {(Ntimutinye) Turi kumwe n’Uwanesheje.} x2

Refrain

Yesu ati, Humura naraneshejeje Murwo rugamba, Mwibuke ko turi kumwe {N’isezerano, ry’Uhoraho Imana yacu.} x2

Couplet 2

N’iki codutera ubwoba (Mwene data) Mbe yob’intambar’urwana (Reka gutinya) Iyo niyo nzira y’abera {( Abo bose) Wama wumva babay’abahizi.} x2

Refrain

Kuva kera, Har’abarwany’urwo rugamba Na n’ubu, Bikwiye ko tururwana {Ku k’Ubwami bw’Ijuru bubandanirwa.} x2

Couplet 3

Ninde yob’avuga vyinshi (Kuvy’ijuru) Kand’akavanga nivy’isi (n’ahitemwo) Kuduga cank’amanuke {(Kuko hageze) Umwe wes’azobazw’ivyiwe.} x2

Refrain

Wewe uvuga, k’ushak’ijur’uri hehe? Haguruka, urabish’amas’i siyoni {Maz’iy’isi, uyihebe n’ivyayo vyose.} x2

Couplet 4

Uhoraho niw’ abivuga(Na n’ubu) Abiwe ntan’umwe’azozimira (Nimwumve) Ivy’ukuri twarabimenye {(Nivy’ibinyoma) Turabisesa tukabibona.} x2

Refrain

None yobande? yombuza iyo nigira Mbe n’urugamba, rwombuza guter’intambwe {Oyaye sivyo, Je nshaka Yerusalemu.} x2

Couplet 5

Nabwiw’igihugu c’amahoro (Iyo ngeze) Mumbombane ndahipfuza (Niyo naniwe) Bituma ntagir’ubwoba {(Kuko nzi neza) Kubw’Umukiza je nzotsinda.} x2

Refrain

Ndirimbe gute? Je nshaka Yerusalemu Ntumbwire vyinshi je nshaka mpez’urugamba {Bakozi b’Imanashing’intahe tuj’isiyoni.} x2

Couplet 6

Nubw’intumwa zoba nyinshi (Shimwa Yesu), Kuduhishurir’abo watumye ( Iyo bavuze), Tubumvira kuri rwa rurimi (tukaberekwa), Na kakaranga kawe Yesu.} x2

Refrain

Nzoririmba, nshima ivyiza vy’Imana Yankoreye, kubw’abakozi yatumye {Agakoresha, bituma ngir’ivyizigiro.} x2