Indirimbo Zikundwa Open in the app

#733

Umwami Yesu ntiyirengagiz’abiwe

Umuco 2

Couplet 1

Umwami Yesu ntiiyirengagiz’abiwe Tube mu kwizera kandi tumwumvire {Gushika tujane, mu bwami bwiwe mw’Ijuru.} x2

Refrain

Twitunganye igihe n’iki, cokwumva ubutumwa bwiza bw’igihe, Butegur’umugeni w’Umwami Yesu Kristo.

Couplet 2

Kwitegura neza nivyo bikwiriy’ubu Intumbero nziza k’umwana w’Imana {N’ukugir’inyota, yivyo mu bwami bw’ijuru.} x2

Refrain

Twitunganye igihe n’iki, cokwumva ubutumwa bwiza bw’igihe, Butegur’umugeni w’Umwami Yesu Kristo.

Couplet 3

Gwiz’umwete mwinshi wizer’utarambirwa Umwami wacu Yesu yiteguriy’ubu {Kuza gukiz’abiwe, iy’isi y’imiruho.} x2

Refrain

Twitunganye igihe n’iki, cokwumva ubutumwa bwiza bw’igihe, Butegur’umugeni w’Umwami Yesu Kristo.

Couplet 4

Ndakwinginga cane mukundwa w’Uhoraho, Gir’ukwihangana mu mungoran’ugend’ucamwo, {Niz’igihe gito, zigiye kurangira.} x2

Refrain

Twitunganye igihe n’iki, cokwumva ubutumwa bwiza bw’igihe, Butegur’umugeni w’Umwami Yesu Kristo.

Couplet 5

Kurangiza neza ukambikwa igitsibo Vyibagiza vyose amarushwa waciyemwo {Ukiber’amahoro, mu bugingo budashira.} x2