Indirimbo Zikundwa Open in the app

#720

Ukugaruka kwa Yesu kuregereje

Umuco 2

Couplet 1

Ukugaruka kwa Yesu kuregereje, Kukw’ igihe co kwikangura gishitse; Non’Agakiza kacu ng’ako karatwegereje, Kurush’igihe Twizereye iri Jambo.

Couplet 2

Ubu Butumwa Bwiza bw’Ubwami, Buzovugwa kw’isi yose, Ngo bube Ikimenyetso; Kibere Icabona c’amahanga, Maz’umuher’ uzoc’uza.

Couplet 3

Ukugaruka kwa Yesu kuregereje, Ijoro rirakuze bugira buce; Twiyambure ibikorwa vy’Umwiza, Twambare ivy’Umuco, Tugendan’ Ingeso nziza.

Couplet 4

N’ukw’aho muzobonera ca Kizira, c’Ubuyobe bw’ubugesera, gihagaze ha hantu Hera; Cavuzwe na Daniyeli yavugishwa n’Imana, Uwusoma ni yiyubare.

Couplet 5

Tugende nk’abagenda ku murango, Tutadandahirwa tutaborerwa, Tudasambana; Tudakora ivy’isoni nke, Tudatongana namba, Ata n’ishari tugira.

Couplet 6

Ni mwigire ku mugani, w’umusukoni, Ishami ryawo ritoshe amababi agatutuza; Mumenye yukw’agatasi kari hafi yo kuza, Uwuvyizera yiyubare.

Couplet 7

Ukugaruka kwa Yesu kuregereje, Twambar’ Umwami wacu Yesu Kristo; Ntitubabar’ ivy’umubiri ngo dukore ivyo wipfuza, Ncuti Tubabare ivy’Ubugingo.