#721
Umunsi wo kubona
Umuco 2
Couplet 1
Umunsi wo kubon’Umwami uregereje, Mukristo Dukwiye kwama turi maso {Kukw’agiye kuza} x2 Tube maso.
Couplet 2
Ubu twama turonk’Ijambo, ritegura Umugeni Dushoboze kurigendera, {Niho tuzonesha} x2 Dushoboze.
Couplet 3
Ubu twama turonk’imburi, iza ku munsi ku munsi Itubuza kutivanga n’isi, {Tuyiter’ umugongo} x2 Dushoboze.
Couplet 4
Ivyubahiro n’amaronko bigomba kudusamaza, Kugirango tuvyirukire {Ariko Yes’Araje} x2 Ico womenya.
Couplet 5
Urahiriwe mwene Data, Udasamazwa niy’isi, Niwiyubare woye kurwa, {N’usab’ inkomezi} x2 Niwiyubare.
Couplet 6
Dushoboze twambar’ Ijambo, Turyerek’ abandi bose, Ingeso mbi ubona dufise, {N’uzihanagure} x2 Ingeso mbi.
Couplet 7
Ubutame be n’imiruho, Tubonera hano kw’isi, Tubizanye imbere yawe, {Duh’umunezero} x2 Duhe Mwami.
Couplet 8
Turapfukamy’abana bawe, N’uduharire twese ubu, Uwo munsi niwaza Mwami, {Ntitumaramare} x2 Twes’abawe.