#719
Imiruho n’ubutame
Umuco 2
Couplet 1
Imiruho n’ubutame vyo mur’iyi si, Hazogera yemw’ ibihe Tubiruhuke; Kandi yemwe ivyo Bihe biregereje Ko bishika.
Refrain
Ntegereje ibihe vyiza vyo kubamwo, Maze nkinjira nkabon’Ahera; Ah’Umwami Yesu Avyagiye.
Couplet 2
Nimumenye kw’Abazoshika mw’ivyo bihe, N’Abazoba bemangiy’ Ukuri Kuzima; Bakemera kwikorera umusaraba w’Umukiza.
Refrain
Ntegereje ibihe vyiza vyo kubamwo, Maze nkinjira nkabon’Ahera; Ah’Umwami Yesu Avyagiye.
Couplet 3
Abatumbereye bose mur’iyi Nzira, Ishikana Umugeni mw’Isezerano; Ntidutiny’ Ingamb’Uhorah’ Aducishamwo, Twihangane.
Refrain
Ntegereje ibihe vyiza vyo kubamwo, Maze nkinjira nkabon’Ahera; Ah’Umwami Yesu Avyagiye.
Couplet 4
Bibereye ko twuzura Ivyizigiro, Vy’iri Jambo ritwerek’ Inzira y’Ukuri; Bizotume Dusanganir’ Umwami Yesu, Twiteguye.
Refrain
Ntegereje ibihe vyiza vyo kubamwo, Maze nkinjira nkabon’Ahera; Ah’Umwami Yesu Avyagiye.
Couplet 5
Tuzigam’Isezerano ry’Umwami Yesu, Kuko ni We Yavuz’ati: «Uzihangana, Agashitsa kw’Iherezo, ni w’Azambikwa Igitsibo.».
Refrain
Ntegereje ibihe vyiza vyo kubamwo, Maze nkinjira nkabon’Ahera; Ah’Umwami Yesu Avyagiye.
Couplet 6
Tegerez’Ibihe Vyiza twiyeze cane, Tubandane Ubwo Bwami burabandanirwa; Ababunyakura bose babunyakurisha Ubuhizi.
Refrain
Ntegereje ibihe vyiza vyo kubamwo, Maze nkinjira nkabon’Ahera; Ah’Umwami Yesu Avyagiye.
Couplet 7
Twiyambure akamere k’umuntu w’inyuma, Maze Mpwemu w’Uhoraho Abe muri twe; Atwambike Umwambaro wo Kugororoka, w’Umugeni.