Indirimbo Zikundwa Open in the app

#718

Imana yabwiye aburahamu

Umuco 2

Couplet 1

Imana yabwiye Aburahamu iti: “N’uv’iwanyu no mu muryango iwanyu; Uje aho Jewe Nzokwereka, Aho Jewe Nashiz’Izina Ryanje”

Refrain

{Nzosengera} x2 Ah’Imana Yashiz’ Ijambo Ryayo; {Nzosengera} x2 Ah’Imana Yashiz’Izina Ryayo.

Couplet 2

Imana Yabwiye Ab’Israyeli iti: “Ntimuzigere Musengera namba, ahantu ah’ari ho hose, Kirets’Aho Nashiz’Izina Ryanje”.

Refrain

{Nzosengera} x2 Ah’Imana Yashiz’ Ijambo Ryayo; {Nzosengera} x2 Ah’Imana Yashiz’Izina Ryayo.

Couplet 3

Mu gutanga ishikanwa ryabo, Mu gutanga ibigiracumi vyabo; Bama baja ku Musozi wera, Ah’Imana Yashiz’Izina Ryayo.

Refrain

{Nzosengera} x2 Ah’Imana Yashiz’ Ijambo Ryayo; {Nzosengera} x2 Ah’Imana Yashiz’Izina Ryayo.

Couplet 4

Iki gih’ibicaniro ni vyinshi, vyitirirw’ amazina menshi cane, Ariko Ah’Umuvyimb’ uzob’uri, Ni h’Inkukuma Zizokoranira.

Refrain

{Nzosengera} x2 Ah’Imana Yashiz’ Ijambo Ryayo; {Nzosengera} x2 Ah’Imana Yashiz’Izina Ryayo.

Couplet 5

Ubutumwa butegur’Umugeni, Bwazanywe n’Umuhanuzi w’Igihe (cacu), Aho ni ho nyene, Aho ni ho honyene, Ni h’Imana Yashiz’Izina Ryayo.

Refrain

{Nzosengera} x2 Ah’Imana Yashiz’ Ijambo Ryayo; {Nzosengera} x2 Ah’Imana Yashiz’Izina Ryayo.