Indirimbo Zikundwa Open in the app

#717

Iki gihe n’icanyuma

Umuco 2

Couplet 1

Iki gihe n’icanyuma, Mbega warabihishuriwe, Ivy’umumarayika w’indwi? {Canke wishushanije gusa?} x2

Refrain

{Mbeg’Ubuntu} x2 Nobugereranya n’iki jewe, {Si nari nkwiye no kuvuga.} x2

Couplet 2

Nari nkwiye no guhanwa, Ariko Yarambabariye, Anshira mu muryango wiwe; {Non’ubu nitwa Umukristo.} x2

Refrain

{Mbeg’Ubuntu} x2 Nobugereranya n’iki jewe, {Si nari nkwiye no kuvuga.} x2

Couplet 3

Weho ncuti rab’Ubuntu, Yesu Kristo Yatugiriye, Yaducunguye ku bw’Ubuntu; {Kugira turonk’ Ubugingo.} x2

Refrain

{Mbeg’Ubuntu} x2 Nobugereranya n’iki jewe, {Si nari nkwiye no kuvuga.} x2

Couplet 4

Naragiye kwiga vyinshi, Ngasoma cane Bibiliya, Ariko sinabitahura; {Ko Kristo ari We Mana Nzima.} x2

Refrain

{Mbeg’Ubuntu} x2 Nobugereranya n’iki jewe, {Si nari nkwiye no kuvuga.} x2

Couplet 5

Mwene Data ni witange, Usab’Ubuntu bwiwe gusa, Uzotahura ivya Kristo; {Kw’ari We Nzira n’Ubugingo.} x2

Refrain

{Mbeg’Ubuntu} x2 Nobugereranya n’iki jewe, {Si nari nkwiye no kuvuga.} x2

Couplet 6

Yesu Kristo ni W’Akiza Wenyene, kandi ni W’Abatiza, Kuko ni Wenyene Twizeye; {Kw’Ari W’Akora ivyo vyose.} x2

Refrain

{Mbeg’Ubuntu} x2 Nobugereranya n’iki jewe, {Si nari nkwiye no kuvuga.} x2