#716
Iyi si turimwo ni mbi cane
Umuco 2
Couplet 1
Iyi si turimwo ni mbi cane, Iramira abantu benshi, Bishimir’ itunga,icubahiro, Ubwami bw’Imana bukabarengana; Dusabe Yesu, Adufashe Kunesh’isi n’ivyipfuzo vyayo.
Refrain
Duce bugufi mu Nyonga z’Uhoraho, Tuzoronk’ Impera itagabanije; Ku vy’Imana Yabikiy’ Abayikunda.
Couplet 2
Umusozi tuduga n’Ukwizera, Ingeso nziza hamwe n’ubwenge, Kwirinda, Kwihangana, Dukundane, Twubah’ Imana Tuyikorere, Duhejej’ umusozi, tuzoduz’ijwi tuti: “Urakoze Ewe Mwami Yesu”.
Refrain
Umunt’adaciye mur’izo ntambuko, Aronderer’ Iman’ah’ Itaboneka; Kukw’Ibana n’Abicishije bugufi.
Couplet 3
Igikorwa turimwo s’ugukwegana, N’ukwemangira Ukuri twamenye. Iyo duhanurwa ntitwumvire, Turibuz’ imigisha y’Imana; Iy’Izotubaza ivyo twumvise, Ivyo twabonye n’aya maso yacu. Wirinde kutumva, Ntuz’uhave uronk’ igihano nk’ic’ab’i Sodomu.
Refrain
Uwutumvira yemw’Ijambo ry’Imana, Azoronk’ ingero nk’iya wa mutunzi, Yasavy’ ikigongwe agomba kwihana; Kand’igihe ciwe cari carangiye.
Couplet 4
Abagwany’Igikorwa c’Uhoraho, Barībaza yemwe kuri Kora, Abiramu, Datani n’imiryango yabo, Isi yarasamye irabamira; Tugiye gufyonyoorera Satani vuba, Musi y’ibirenge vyacu.
Refrain
Ibanga Satan’atabasha kumenya, N’amasengesho dusenga muri Mpwemu; Ni h’Abana b’Imana turonk’ Intsinzi.
Couplet 5
Impwemu y’idini ituvemwo, Kuko benshi bigir’abakristo, ibikorwa bakora ntibishingira intahe Kristo kw’ari muri bo; Azobabwira kuri Wa Musi: «Mv’i ruhande, Mwa bakor’Ibizira»
Refrain
Ab’si bazoza bagushinyaguriza: “Ko twahora tubona uja gusenga, tukaba dusigaranye mu marira?”!
Couplet 6
Loti yaburiye abakwe biwe, babibona kw’ar’ibisanzwe. Iyo bumvira bari gukira, Igihano c’ab’i Sodomu; Ni ko bizomera ku batumvira, Impanuro z’Abakozi b’Imana.
Refrain
Uwutumvira yemw’Ijambo ry’Imana, Azoronk’ ingero nk’iya wa mutunzi, Yasavy’ ikigongwe agomba kwihana; Kand’igihe ciwe cari carangiye.