Indirimbo Zikundwa Open in the app

#715

Daniyeli yeretswe

Umuco 2

Couplet 1

Daniyeli yeretswe ivy’ibihe vy’Iherezo At’ «Abagiz’ Ubwenge ni bo bazobitahura» At’ «Ewe Daniyeli gumiz’ayo Majambo, Aho muri ntibate kuko ako ar’akabanga».

Refrain

Ishimwe n’Iryawe Yesu, Icubahiro ni Rwawe; Abera Bagutazire, Haleluya, Amina.

Couplet 2

Ni nde muntu nk’Imana Yakijije Daniyeli? Ni nde muntu nk’Imana Yakijije Shaduraki? Ni nde Yatwogeshej’ ivyaha vyac’Amaraso Yiwe? Ni Yes’Imana Nzima, Yatwikorerey’ ivyaha.

Refrain

{Kukw’Azoza gutor’ Umugeni-Jambo, Uwayobotse ic’Ijambo rivuga; Akitwararika kugira ntahushe, Uwo ni w’agir’atahe kuruhuka.} x2

Couplet 3

Daniyeli yabonye yukw’ibihe bikomeye, Amaze kwumv’ inkuru kw’icandiko bagisinyeko, Yakomeje gusenga yinginga Imana yiwe; Iramuteturura Imukiz’ amenyo y’intambwe.

Refrain

{Kukw’Azoza gutor’ Umugeni-Jambo, Uwayobotse ic’Ijambo rivuga; Akitwararika kugira ntahushe, Uwo ni w’agir’atahe kuruhuka.} x2

Couplet 4

Ivyashikiye Daniyeli yaseng’ Imana yinginga, Ni vyagushikira wewe uzogira gute? Harageze ko werekana ugusenga kwawe; N’aho vyoger’igihe bigasab’ umubiri wawe.

Refrain

{Kukw’Azoza gutor’ Umugeni-Jambo, Uwayobotse ic’Ijambo rivuga; Akitwararika kugira ntahushe, Uwo ni w’agir’atahe kuruhuka.} x2

Couplet 5

Harageze k’usengera muri Mpwemu no mu Kuri, Harageze k’umeny’ amabanga y’Imana yawe; Harageze k’ubona Ikiganza c’Uhoraho, Harageze ko wemangira ikirut’ibindi.

Refrain

{Kukw’Azoza gutor’ Umugeni-Jambo, Uwayobotse ic’Ijambo rivuga; Akitwararika kugira ntahushe, Uwo ni w’agir’atahe kuruhuka.} x2

Couplet 6

Yesu ni We Watwiyeretse igihe twakwizera, Tukubona mw’Ijambo Rizima ur’Umukiza; Reka turirimb’ Intsinzi n’urwo Rukundo rwawe, Vyaguhimbaye Mwami Udushitsa uyu musi.

Refrain

{Kukw’Azoza gutor’ Umugeni-Jambo, Uwayobotse ic’Ijambo rivuga; Akitwararika kugira ntahushe, Uwo ni w’agir’atahe kuruhuka.} x2

Couplet 7

Abari muri Yesu nta Rubanza ruzobatsinda, Bama biyubura mu nkomezi z’Iyabaremye; Icubahiro n’Ishimwe Bigushikeko Yesu, Komeza kuturinda gushika tugez’Iwawe.

Refrain

{Kukw’Azoza gutor’ Umugeni-Jambo, Uwayobotse ic’Ijambo rivuga; Akitwararika kugira ntahushe, Uwo ni w’agir’atahe kuruhuka.} x2