#714
Mfis’inkumbu nyinshi zo kubon’umwami
Umuco 2
Couplet 1
Mfis’inkumbu nyinshi, zo kubon’ Umwami Wanje Yesu Kristo Yampfiriye; Uwo Yemeye Kumpfira ngo mbeho, Ni We Nizeye, n’Umukunzi wanje.
Refrain
{Ni Wewe nipfuza k’Unyobora Mukiza, Mu gihe nkiri mur’iyi si Mwami; N’ubw’ ibinaniza mu Nzir’ari vyinshi, Nzizigir’ Uwaneshej’ Azontsindira.} x2
Couplet 2
Mu Nzira y’Imana nta muhing’ ayibamwo, Uyihweje nez’usang’igoye cane; N’Inzira y’Abana b’Iman’Ihoraho, N’Inzira y’Abagenda bahishurirwa.
Refrain
{Mpa kugenda mpishurirwa Nawe Mwami, Kugira ntahure nez’Ijambo ryawe; Ni ho nzomeny’ Imigendere y’Imana, Bimpe guca bugufi musi y’Ijambo.} x2
Couplet 3
Ico ngusaba Mwami, raba Abana Bawe, Bakwizey’ata buryarya mu mitima; Maz’Ubaramir’ Ubatsindire vyose, Bakuyoboke, babeho nk’uk’Ugomba.
Refrain
{Unezerererwa n’imitim’ imenetse, Kukw’iyo ni y’izokubona, Mana; None ncuti yanje, isuzume neza, Nimba (Ko) naw’uzomubon’ Umwami.} x2
Couplet 4
Igihe co kuba maso n’iki nyene, Ukugaruka kw’Umwami kuri hafi; N’urabe ingen’ugenda k’utunganye, Mu migendere yawe ya misi yose.
Refrain
{Kukw’Azoza gutor’ Umugeni-Jambo, Uwayobotse ic’Ijambo rivuga; Akitwararika kugira ntahushe, Uwo ni w’agir’atahe kuruhuka.} x2
Couplet 5
Sinzovuga ngo nararirimvye Mwami, Ntuzovuga ngo waravuz’ ubutumwa, Ntac’uzireguza n’utaba mw’Ijambo, Iryo ni Ryo Cirore twirabiramwo.
Refrain
{None n’Udufashe Mwami w’Urukundo, Kuba mw’Ijambo Ryawe ryose gusa; Kugira tuze dushobore kuzamurwa, Maze tuzogusanganire mu bicu.} x2