#713
Nshishikara kugusaba
Umuco 2
Refrain
Nshishikara kugusaba Mwami, Sinduha eka sinduhuka, Nzokomeza nguma ku mavi, Nkuganyira Yesu Ngutabaza.
Couplet 1
Urabibona Mucunguzi, Ndacari mw’isi yuzuy’ ivyaha; Satan’agum’ atarataza, anyiruk’ inyuma.
Refrain
Nshishikara kugusaba Mwami, Sinduha eka sinduhuka, Nzokomeza nguma ku mavi, Nkuganyira Yesu Ngutabaza.
Couplet 2
Ndizer’Ukuri Wanyijeje, N’Ijambo Rizim’uryizera; Ntazokwiger’apfa Rubi, habe namba.
Refrain
Nshishikara kugusaba Mwami, Sinduha eka sinduhuka, Nzokomeza nguma ku mavi, Nkuganyira Yesu Ngutabaza.
Couplet 3
Iyi Nzira Wampishuriye, N’iy’iboneka kw’iruhisha; Ni yo yonyen’ Abera, bemera gucamwo.
Refrain
Nshishikara kugusaba Mwami, Sinduha eka sinduhuka, Nzokomeza nguma ku mavi, Nkuganyira Yesu Ngutabaza.
Couplet 4
N’iyo Satani yokwitamba hejuru, nk’ushinyaguriza; Ndizera Mwami Yesu, ko Wamunesheje.
Refrain
Nshishikara kugusaba Mwami, Sinduha eka sinduhuka, Nzokomeza nguma ku mavi, Nkuganyira Yesu Ngutabaza.
Couplet 5
Uwohitamwo nahitemwo, jewe nta handi Mwami mfise; Musi y’Umusaraba wawe, ni ho nguma.
Refrain
Nshishikara kugusaba Mwami, Sinduha eka sinduhuka, Nzokomeza nguma ku mavi, Nkuganyira Yesu Ngutabaza.
Couplet 6
Izo Mbabazi n’ubwo Buntu, Bigutwikiriye Mukiza, Wam’Ubinsukako nibanire n’Ijambo.
Refrain
Nshishikara kugusaba Mwami, Sinduha eka sinduhuka, Nzokomeza nguma ku mavi, Nkuganyira Yesu Ngutabaza.
Couplet 7
N’iyo Satan’agerageza, gushira bamwe mu gatengo; Bagobotoreyo, Mukiz’Ubah’ Imbabazi.
Refrain
Nshishikara kugusaba Mwami, Sinduha eka sinduhuka, Nzokomeza nguma ku mavi, Nkuganyira Yesu Ngutabaza.
Couplet 8
Kand’uko vyomera kwose, Satan’ashaka kwerekana; Kw’Inzira yob’itoshika, je nzobandanya.