#709
Reka twambambir’imana
Umuco 2
Couplet 1
Reka twambambir’Imana, Ni Yo Nyen’Isezerano; Ishuz’ Umuragi wawe, Ni wewe Mfura mu bana.
Refrain
Ni yo Yasezeraniye, Aburahamu Kanani, Ni nayo yasezeraniye, Abera Mpwemu Yera; {Ishuz’ Umuragi wawe, Ni wewe Mfura mu bana.} x2
Couplet 2
Ntaco wangaz’umutima, Nka wa mwana w’icangazi; Imana Vyarayihimbaye, Ikugur’ Itunga ryayo.
Refrain
Ni yo Yasezeraniye, Aburahamu Kanani, Ni nayo yasezeraniye, Abera Mpwemu Yera; {Ishuz’ Umuragi wawe, Ni wewe Mfura mu bana.} x2
Couplet 3
Waremey’uheba vyose, Ukurikir’ Umwami Yesu; Wemey’ utukwa ku bwiwe, Ntuhemukir’ Isezerano.
Refrain
Ni yo Yasezeraniye, Aburahamu Kanani, Ni nayo yasezeraniye, Abera Mpwemu Yera; {Ishuz’ Umuragi wawe, Ni wewe Mfura mu bana.} x2
Couplet 4
Waremeye kurya Manu, Emera n’imboga zirura; Abera ni bo batoranywa, Emera wewe mwene Data.
Refrain
Ni yo Yasezeraniye, Aburahamu Kanani, Ni nayo yasezeraniye, Abera Mpwemu Yera; {Ishuz’ Umuragi wawe, Ni wewe Mfura mu bana.} x2
Couplet 5
Rab’igih’aho kigeze, Umwany’ ushize ntugaruka; N’usuzum’ urab’igihe, Aho kigeze Twitegure.