Indirimbo Zikundwa Open in the app

#710

Ngenzi ni mureme

Umuco 2

Couplet 1

Ngenzi nimureme mugiye kuruhuka, Imiruho yose mwaruhiye mw’isi; Inzara n’inyota, kugwara no kuganya, bizosigara mw’isi twigire mw’Ijuru.

Refrain

Ngwany’umubiri wanje, Nkawuhindur’ umuja; Kugira ngo sinze mboneke ko ntemewe.

Couplet 2

Intang’iragora n’iherezo n’uko, Vyose biboneka nez’iyo wihanganye; Abana b’Imana bariyo ku Rugamba, Barindira ijwi «Ni ko Uhorah’ Agize».

Refrain

Ngwany’umubiri wanje, Nkawuhindur’ umuja; Kugira ngo sinze mboneke ko ntemewe.

Couplet 3

Imana ni Y’Ikorera mu mitima yacu, Ikaduha gukunda no gukor’ Ibihiyimbaye; Ababatirijwe kuba muri Kristo Yesu, Twabatirijwe kuba no mu rupfu rwiwe.

Refrain

Ngwany’umubiri wanje, Nkawuhindur’ umuja; Kugira ngo sinze mboneke ko ntemewe.

Couplet 4

Kandi ntimugah’icah’ imibiri yanyu, Ngw’ikoreshwe n’ukugabitanya kw’iki gihe; Twishikanir’ Imana nk’abazutse bavuye mu bapfuye, Imana Yihesh’ Icubahiro.

Refrain

Ngwany’umubiri wanje, Nkawuhindur’ umuja; Kugira ngo sinze mboneke ko ntemewe.

Couplet 5

Satani yarasutsek’ uruhumy’ abantu benshi, Iy’Iman’Ikoze bashir’ umuntu hejuru; Abantu bahay’ icubahiro Herodi, Yahaw’ igihan’uwo mwanya co guturik’inyo.

Refrain

Ngwany’umubiri wanje, Nkawuhindur’ umuja; Kugira ngo sinze mboneke ko ntemewe.

Couplet 6

Iyo mpwemu no mur’iki gihe turimwo, Yakurikiranye benshi ibahum’amaso; Bibagir’ umwuhagiro w’ivyaha vyabo, bashim’ icubahiro bahabwa n’abantu.

Refrain

Ngwany’umubiri wanje, Nkawuhindur’ umuja; Kugira ngo sinze mboneke ko ntemewe.

Couplet 7

Ntugwanire kumenywa n’abantu benshi cane, Ugwanire kumenywa n’Uhoraho Wenyene; Ni wicisha buguf’ Iman’Izogushira hejuru, Ni wishira hejur’ Izogucisha bugufi.

Refrain

Ngwany’umubiri wanje, Nkawuhindur’ umuja; Kugira ngo sinze mboneke ko ntemewe.

Couplet 8

Mu kwishira hejuru nta Bugingo buriyo, Twigane Yesu Nawe Yicishije bugufi; Umwanya wo kuronder’ ivyubahiro vy’isi, Tuwuhebe, Turonder’ umwanya w’ivya Yesu.

Refrain

Ngwany’umubiri wanje, Nkawuhindur’ umuja; Kugira ngo sinze mboneke ko ntemewe.