Indirimbo Zikundwa Open in the app

#708

Komeza tuj’imbere

Umuco 2

Couplet 1

Komeza tuj’imbere yemwe bene Data, Tubandanye uru Rugendo rwacu; Kanguka ntusinzizwe n’ivy’iyi s’ubona, Ehe raba vyose biragiye gushira.

Refrain

Umwami Yesu Abamwizeye, Bidatevye Tugiye kubona, {Ivyo Yadusezeraniye.} x2

Couplet 2

Mwene Data wewe wahishuriw’ Ukuri, Wame wibuk’ivy’ Umwami Yesu Yavuze; Bizotuma Mwana w’Iman’ uhor’ugavye, (I)vy’Ubwami bw’Imana vyuzure muri wewe.

Refrain

Umwami Yesu Abamwizeye, Bidatevye Tugiye kubona, {Ivyo Yadusezeraniye.} x2

Couplet 3

Igikwiye mur’iki gihe tugezemwo, N’uko we Mwana w’Imana wuzur’ inyota; Kand’inyota y’Ivy’Ubwami buzohoraho, Atar’inyota y’ivy’isi bigiye gushira.

Refrain

Umwami Yesu Abamwizeye, Bidatevye Tugiye kubona, {Ivyo Yadusezeraniye.} x2

Couplet 4

Umv’Ijambo uritegere riraremesha, Iyo mw’Ijur’ uzobon’ ivy’uhahamiye; Guma mu Ntumbero nziza watanguranye, Umwami Yes’Arabon’ ic’uhahamiye.

Refrain

Umwami Yesu Abamwizeye, Bidatevye Tugiye kubona, {Ivyo Yadusezeraniye.} x2