Indirimbo Zikundwa Open in the app

#705

Ku musi ku musi wewe wibaz’iki?

Umuco 2

Couplet 1

Ku musi ku musi wewe wibaz’iki? Iy’uva n’iy’uja uhibaza kw’iki? Vy’iherezo ryawe wewe wibaz’iki? Mwana w’Imana igihe kigeze he?

Refrain

Garagaza k’uri mu baja mw’Ijuru, Ugire umwete wo kuhashika. Ntac’ukonyera mu Rugendo rwawe; Umwami Yes’Aracatez’ Ibiganza, Zan’umutwaro waw’Awikorere.

Couplet 2

Mu kwizera kwawe wewe wibaz’iki? Mu ntambuko zawe zose wipfuz’iki? Mu gusenga kwawe none usab’iki? Mwana w’Imana sab’Ic’Iman’ Igomba.

Refrain

Garagaza k’uri mu baja mw’Ijuru, Ugire umwete wo kuhashika. Ntac’ukonyera mu Rugendo rwawe; Umwami Yes’Aracatez’ Ibiganza, Zan’umutwaro waw’Awikorere.

Couplet 3

Isi n’ivyayo bizorimbuka vyose, Ijambo ry’Umwami Yesu rizamaho; None kur’ivyo wewe uvyibazakw’iki? Mwana w’Imana genda wubah’ Ijambo.

Refrain

Garagaza k’uri mu baja mw’Ijuru, Ugire umwete wo kuhashika. Ntac’ukonyera mu Rugendo rwawe; Umwami Yes’Aracatez’ Ibiganza, Zan’umutwaro waw’Awikorere.

Couplet 4

Reka kwishira mu bitakugenewe, Bitume winjira mu bibi utazi; Rerek’igihe c’ubuhanuzi bwawe, Mwana w’Imana wagendewe n’Imana.

Refrain

Garagaza k’uri mu baja mw’Ijuru, Ugire umwete wo kuhashika. Ntac’ukonyera mu Rugendo rwawe; Umwami Yes’Aracatez’ Ibiganza, Zan’umutwaro waw’Awikorere.

Couplet 5

Hanze y’Ijambo ibisamaza ni vyinshi, Ivyubahir’ ubutunzi birakwega; Politik’ ubushakanyi bigakwega, Mwana w’Imana nukovye mu gusenga.

Refrain

Garagaza k’uri mu baja mw’Ijuru, Ugire umwete wo kuhashika. Ntac’ukonyera mu Rugendo rwawe; Umwami Yes’Aracatez’ Ibiganza, Zan’umutwaro waw’Awikorere.

Couplet 6

Mbega k’uhanzwe n’isi yose n’ivyayo, Satan’ashaka ko yokuronka nawe; Naw’ukishing’usa n’uwidebamira, Mwana w’Iman’ ikebuke wame maso.

Refrain

Garagaza k’uri mu baja mw’Ijuru, Ugire umwete wo kuhashika. Ntac’ukonyera mu Rugendo rwawe; Umwami Yes’Aracatez’ Ibiganza, Zan’umutwaro waw’Awikorere.

Couplet 7

Kandi wa musi ncuti ko wegereza, Ni ko n’urukundo rwa benshi rutimba; Gukund’ Ukuri kw’Ijambo bikagawa, Ikinyoma kikirukirwa na benshi.

Refrain

Garagaza k’uri mu baja mw’Ijuru, Ugire umwete wo kuhashika. Ntac’ukonyera mu Rugendo rwawe; Umwami Yes’Aracatez’ Ibiganza, Zan’umutwaro waw’Awikorere.

Couplet 8

Ku musi ku musi wewe wibaz’iki? Umwany’ uh’Imana wewe ungan’iki? Mu vy’ukora vyose ushir’imber’iki? Mwana w’Imana ntac’udendebukirwa.