#704
Ndi mu nzir’igoye cane
Umuco 2
Couplet 1
Ndi mu nzir’igoye cane ija mw’Ijuru, Irimw’ ibibazo vyinshi n’amageragezwa; Nagwany’ Intambara nyinshi kandi ndaruha, Urampa Mwami kurangiza neza.
Refrain
Hari benshi twatanguranye, Kandi benshi muri bo barananiwe; S’uko nabarush’ ubuhizi, ni ku bw’Imbabazi, Urampa Mwami kurangiza neza.
Couplet 2
Mbibutse igihe Loti yar’i Sodomu, Yabwiwe guhung’ ubwiwe n’umuryango wiwe; Muka Loti yaravy’ inyum’ ab’inkingi y’umunyu, Urampa Mwami kurangiza neza.
Refrain
Hari benshi twatanguranye, Kandi benshi muri bo barananiwe; S’uko nabarush’ ubuhizi, ni ku bw’Imbabazi, Urampa Mwami kurangiza neza.
Couplet 3
Mwene Dat’uri mu Rugendo n’ubw’ unaniwe, Har’igihe wumva wohung’ umusalaba; Wihangane ni gatoy’ugatabaruka, Ncuti saba kurangiza neza. / [Ncuti n’usabe, kurangiza neza].
Refrain
Hari benshi twatanguranye, Kandi benshi muri bo barananiwe; S’uko nabarush’ ubuhizi, ni ku bw’Imbabazi, Urampa Mwami kurangiza neza.
Couplet 4
Yobu yihanganiy’ ivyamugerageza, Uhoraho Yararinz’ Ubugingo bwiwe; Dawidi nawe yizigiye Uhoraho, Urampa Mwami kurangiza neza.