#706
Mbega ubuntu nagiriwe
Umuco 2
Couplet 1
Mbeg’Ubuntu jewe nagiriwe bene Data, Nkaba nd’umwe mu Bana b’Imana; Nzohora nirat’urwo Rukundo maze jewe, Ndarwamamaze mu bataruzi.
Refrain
Nzohora ndamushima kuko jewe Yankunze, Ntabwo nari mbikwiye ariko Yarampariye; Imbabazi z’Umwami zamah’ Ibihe vyose, {None Mwam’ Uhoraho Nushimwe.} x2
Couplet 2
Uhoraho Yam’Ampora hafi, kugira ngo name ngendera mu bibereye; N’aho noca mu mwonga w’urupfu sinzotinya, Ko ndi kumwe n’Umwungere wanje.
Refrain
Nzohora ndamushima kuko jewe Yankunze, Ntabwo nari mbikwiye ariko Yarampariye; Imbabazi z’Umwami zamah’ Ibihe vyose, {None Mwam’ Uhoraho Nushimwe.} x2
Couplet 3
Ntimukiganyire bene Data nimwizere, Kuk’Umwami wacu Agir’Ubuntu; Nimumuh’ imitima yanyu Ayiganze, Murabe ko mutagir’ Intsinzi.
Refrain
Nzohora ndamushima kuko jewe Yankunze, Ntabwo nari mbikwiye ariko Yarampariye; Imbabazi z’Umwami zamah’ Ibihe vyose, {None Mwam’ Uhoraho Nushimwe.} x2
Couplet 4
Niduhang’amas’iyo mw’Ijuru, kuko ni ho hama hav’Intsinzi y’Abizera; Ntihagir’ umuntu mwizigira, oya namba, Kirets’ Uwababambiwe.
Refrain
Nzohora ndamushima kuko jewe Yankunze, Ntabwo nari mbikwiye ariko Yarampariye; Imbabazi z’Umwami zamah’ Ibihe vyose, {None Mwam’ Uhoraho Nushimwe.} x2
Couplet 5
Ewe mutima wanje n’ureme, kuk’ufise Umutabazi Mwiza Agukunda; Yama Yiteguriye na ntaryo kugukiza, Igihe cos’Umutakambiye.
Refrain
Nzohora ndamushima kuko jewe Yankunze, Ntabwo nari mbikwiye ariko Yarampariye; Imbabazi z’Umwami zamah’ Ibihe vyose, {None Mwam’ Uhoraho Nushimwe.} x2
Couplet 6
Mana y’Ubuntu be n’Imbabazi, ndagusaba kugir’ Utabar’Abawe bose, Bakiboshwe na wa Mugwanizi, Babohore bose baguhungireko vuba.
Refrain
Nzohora ndamushima kuko jewe Yankunze, Ntabwo nari mbikwiye ariko Yarampariye; Imbabazi z’Umwami zamah’ Ibihe vyose, {None Mwam’ Uhoraho Nushimwe.} x2
Couplet 7
Har’abandi bavuye mw’Ijambo, nabo nyene Turabakeneye n’ubakize; Bongere na bo bumvir’ Ijambo bakwizere, Bagaruke mu Nzira y’Ukuri.
Refrain
Nzohora ndamushima kuko jewe Yankunze, Ntabwo nari mbikwiye ariko Yarampariye; Imbabazi z’Umwami zamah’ Ibihe vyose, {None Mwam’ Uhoraho Nushimwe.} x2
Couplet 8
Natw’abo Wahaye kukumenya, Mana Yera Turagusavye Mwam’ Inkomezi, Zo guhagarara mu Kunesha, tudatsinzwe na wa Mugwanizi atugwanya.
Refrain
Nzohora ndamushima kuko jewe Yankunze, Ntabwo nari mbikwiye ariko Yarampariye; Imbabazi z’Umwami zamah’ Ibihe vyose, {None Mwam’ Uhoraho Nushimwe.} x2
Couplet 9
Har’ikindi Mwami ndagusaba, n’uko twese Wotwuzuza rwa Rukundo rwawe; Maze tukamatana n’Ijambo ryawe ryose, Tukab’ umwe mu Rukundo rwawe.
Refrain
Nzohora ndamushima kuko jewe Yankunze, Ntabwo nari mbikwiye ariko Yarampariye; Imbabazi z’Umwami zamah’ Ibihe vyose, {None Mwam’ Uhoraho Nushimwe.} x2
Couplet 10
Aho ni twahashika ga Mana, N’uko nawe Hazoba hageze k’utujana, Mw’Ijur’Aho Waduteguriye; Twibereyo Aho Tutazotandukan’ ukundi.