Indirimbo Zikundwa Open in the app

#700

Bene data bakundwa (2)

Umuco 2

Couplet 1

Bene Data bakundwa nimubimenye, Yukw’ata gihe bagenzi dusigaranye; Ijambo Riravugwa imisi yose, Ritumenyesh’ico dukwiriye gukora.

Refrain

Bene Data nimuhunge, Uburake bw’Uhoraho, Bugiye gushikira Abanyakibi.

Couplet 2

Bakundwa b’Uhoraho, nshaka ndababaze; Mu mitima yanyu, ubu habits’iki? Habitsey’ ivy’Isi canke nivy’Ijuru? Umwe wese niyibaze yiyishure.

Refrain

Ntibikwiye bene Data, Ko dukunda ivy’iyi si, Kukw’ivyo bizoshira nk’umuyaga.

Couplet 3

Bizoba bibabaje kuri mwene Data, Azoshikirwa n’Uburake bw’Uhoraho; Kandi yari yarizeye Ijambo ry’Ukuri, Akananirwa n’uguheb’ ivy’umubiri.

Refrain

Nimwirabe bene Data, Uko muri mu mitima, Uyu musi Ubuntu bukiriho.

Couplet 4

Yes’Arikw’Arakora Igikorwa Ciwe, Mu mitima y’Abakunda Ijambo; Bakamatana na Ryo mu kwiyank’ ubwabo, Bakagir’ inyota yo Kugororoka.

Refrain

Ntimwihende oya namba, Ngw’Iman’ Ikorera mu mugwi; Ikorera ku giti c’umw’ umwe wese.

Couplet 5

Nituhabere maso twirinde ikibi, Gituma tuba kure y’Uhoraho; Tuyih’ ubutunzi bwo mu mitima yacu, Nay’Iduh’ Ubwayo budahera.

Refrain

Nitwemere tuyumvire, Muvy’Irikw’ Iradusaba, Ni ku neza y’Ubugingo bw’umw’ umwe wese.

Couplet 6

Turaguhanz’amaso Mwami w’Urukundo, Naw’Urabic’uri budukorere; N’iki twokwishoboza ga Yesu Mukiza? Nudutabare Utugirir’ Uk’Ushaka.

Refrain

Tuguhay’imitima, Igum’ imbere Yawe, Uyihingurire mu Kugomba Kwawe.