Indirimbo Zikundwa Open in the app

#701

Imbabazi zawe Mana

Umuco 2

Couplet 1

Imbabazi zawe Mana zishika ku wuzirondera, Ndemeshwa umusi wose, {N’Ijambo Ryawe Wampishuriye.} x2

Refrain

Nkomeza kuza kuri Wewe Muvyeyi, Mwami wanje Yesu Kristo, Nsab’imbabazi niyongeranya, Kukw’imis’ iter’iba mibi {Ntabara..., ngwanira... Ingamba zose zoba zikind’imbere.} x2

Couplet 2

Ikigongwe cawe Mana Kigwize kw’Ihanga Ryawe, Eh’Uwawe yonanirwa, {Tabarany’ Udukiz’uyu Mubi.} x2

Refrain

Nkomeza kuza kuri Wewe Muvyeyi, Mwami wanje Yesu Kristo, Nsab’imbabazi niyongeranya, Kukw’imis’ iter’iba mibi {Ntabara..., ngwanira... Ingamba zose zoba zikind’imbere.} x2

Couplet 3

Ukw’ibihe bij’imbere, Ububi burongerekana, Umutima wanje Mana, {Uba mw’isi yanka amahoro.} x2

Refrain

Nkomeza kuza kuri Wewe Muvyeyi, Mwami wanje Yesu Kristo, Nsab’imbabazi niyongeranya, Kukw’imis’ iter’iba mibi {Ntabara..., ngwanira... Ingamba zose zoba zikind’imbere.} x2

Couplet 4

Ntakambisha ukwinginga kwose mu mutima wanje, Sinz’umusi cank’isaha, {Mpa kuba maso ngutegereze.} x2