#699
N’ugera mu rugamba
Umuco 2
Couplet 1
Nugera mu Rugamba, Sab’Inkomez’ Umwami. N’ugira n’intege nke Sab’Inkomez’ Umwami. Ni W’Atugwanirira mu bitugerageza; Akanaduh’ Intsinzi tukaririmb’ Ishimwe.
Refrain
Yabanye na Daniyeli mu rwobo rw’intambwe, Naw’Arabana nawe mu vy’ugend’ uracamwo; Numubarire vyose Uwo n’Umwizigirwa, Ntugir’ic’ umuhisha naw’Arakuruhura.
Couplet 2
Yabanye na Meshake mw’itanure ry’umuriro, Abana na Dawidi yirukanywe n’uwo yavyaye. Har’Intambar’ ugwana, Sab’Inkomez’ Umwami; Naw’Arabana nawe Arakuneshereza.
Refrain
Yabanye na Daniyeli mu rwobo rw’intambwe, Naw’Arabana nawe mu vy’ugend’ uracamwo; Numubarire vyose Uwo n’Umwizigirwa, Ntugir’ic’ umuhisha naw’Arakuruhura.
Couplet 3
Ijambo ridusaba kutagir’ ikibi ku kindi, Ariko natwe twame twipfuriz’ inez’abandi. Tumere nk’Umwami Yesu Yababariy’ abamwica; Akabasabir’ Avug’ati ‘‘Ntibaz’ico bakora’’.
Refrain
Yabanye na Daniyeli mu rwobo rw’intambwe, Naw’Arabana nawe mu vy’ugend’ uracamwo; Numubarire vyose Uwo n’Umwizigirwa, Ntugir’ic’ umuhisha naw’Arakuruhura.
Couplet 4
Mbega we ncuti yanj’ ukoraniy’ ah’uyu musi, Ntihar’ico wanyegerej’ Umwansi Satani. Igihe n’iki cawe co kwitandukanya n’ivyo; Ejo har’aho bitazoshoboka mwene Data.
Refrain
Ntutiny’amaso y’abantu nutumbere Umukiza, Araguharira kukw’Agir’ Ikigongwe cinshi, Yama Yiteguye kwakir’ Abamuzako bose, Naw’Arakwakira kukw’Afis’ Urukundo rwinshi.
Couplet 5
Nimuze tugir’urukundo dusabwa n’Ijambo, Tugiriranire neza muri vyose bakundwa. Twame twibuk’ Umwami Yesu Yaduhariy’ ivyaha; Natwe tubabarir’ abandi mu vyo badukorera.
Refrain
Ntidushake guhōra, kuko guhōra n’ukw’Imana, Muze gusa twebwe, dukor’ukugomba kw’Uhoraho; Twank’ikibi iyo kiva hose n’uko comera kwose, Ariko twimatanye n’Ukuri kw’Ijambo ry’Imana.
Couplet 6
Ntihagir’ikidusamaza yemwe bene Data, Ehe vuba, kandi vuba cane, tugira dutahe. Duhanurwa kutarab’i buryo cank’i bumoso; Turabe mw’Ijambo ry’Imana ni ryo Rizodushitsa.
Refrain
Uwuryumviye wes’akagumana naryo hose, Uwo vuba, kandi vuba can’agiye kuruhuka; Azibagirw’ imiruho yaruhiy’aha mw’isi, Azibera mu Munezero w’Ibihe bidashira.