#696
Kuba mur’iyi si
Umuco 2
Couplet 1
Kuba mur’iyi si je biranduhije, Mwam’Ukore vuba nigir’ iy’Iwacu, Kuko ndarambiwe no kuba mu mahanga, Ndakumbuye Iwacu mu Buruhukiro.
Refrain
Yesu gir’Imbabazi, raba Umwiza turimwo, Hageze ko dutaha twigire Kuruhuka, Mukiza nudutunganye.
Couplet 2
Ni Wewe Washimye ko duca mur’iyi si, Ndakwinginze Mwami Umpe Kunesha, Kugira nze ndagwe Ivyasezeranywe, Nshikire Icatumye Umpamagara.
Refrain
Mutima wanje rema, Yesu Yiteguye vuba, Kunshitsakw’ imigabo, imigabo y’Urukundo, Kuko Arazi ivyo dukeneye.
Couplet 3
N’Umfat’umutima wanj’ Uwuzirikire, Mu Masezerano Wansezeraniye, Wansezeraniye k’Uzoza Kuntora, Iryo Sezerano ndaritegereje.
Refrain
Nyambik’Ibigwanishwa Umukristo akeneye, Ngwane n’Umwansi wanje, ambuz’ Isezerano nahawe n’Umukwe wanje.
Couplet 4
Umutima wanje urahahamiye, Kukubona Mwami amaso mu yandi, Nicaranye na We ku Ntebe y’Ubwami, Uramfasha Mwami Umpe Kunesha.
Refrain
Umpe kuguma mu Kuri kw’Ijambo Rihishuwe, Menye Ukugomba kwawe kunshitse ku Kunesha, Mukiza nubimpe vyose.
Couplet 5
Uncisha mu bihe bitandukanye, Kugira mmenye Urukundo rwawe, Urampa kumenya n’ico Unshakako, Kugira ngo ngende nk’uk’Ubishaka.
Refrain
Nshaka kuguhimbara, ariko intege nke zituma nkor’icaha, ariko ntabigomba, Mwami Yesu Umpe Inkomezi.