#697
Ntitukarabe ku bigaragara
Umuco 2
Couplet 1
Ntitukarabe ku bigaragara, Ariko turabe ku bitaboneka, Tumenye neza ko tuzorenguka, Imbere y’Iman’Ises’ imitima, {None nimuze twicishe bugufi.} x2
Couplet 2
Turi mu gihe gikomeye cane, Ah’abasenga ari benshi rwose, Gukor’ ivyaha babigir’ ibikino, Ngo tuzosenga maze duharirwe, {(Twebwe) twitandukanye n’ivyanduye vyose.} x2
Couplet 3
Ntitwirengagize Ijambo tubwirwa, N’iritegura Umugeni wa Yesu, Rikamukuramwo akamere kose, Rikamuhindura Ab’uwera rwose, {Niwisuzume urab’uk’ ugenda.} x2
Couplet 4
Twabwiw’Ijambo bihagije cane, Kandi na n’ubu turacabarirwa, Kuber’ Umwami Akigir’Ubuntu, Gat’Agiye kuva ku Ntebe y’Ubuntu, {Azogusanga uri he ga ncuti.} x2
Couplet 5
Nuhindukir’uve mu bitabereye, Sab’Imbabaz’ Umwam’ Araguharira, N’Umunyarukundo n’Umunyembabazi, Agir’Ubuntu n’ikigongwe cinshi, {Ashaka twese ko tumuyoboka.} x2
Couplet 6
Har’ico nshaka Mana y’Imbabazi, N’uko Wontsindira ibingora vyose, Maze nkagenda nguhimbara Mwami, Mu misi nsigaje mu Rugendo rwanje, {Nkagenda Nnesha Umwansi Satani.} x2