Indirimbo Zikundwa Open in the app

#692

Mbeg’ubuntu bw’imana

Umuco 2

Couplet 1

Mbeg’Ubuntu bw’Imana wabwakiriy’ute? Ko mbon’ar’ ubw’Igiciro kinini cane; Ntubwanjanjweko, riho n’ubucakire, Kukw’Umwami Yes’Ari hafi Kugaruka.

Refrain

Inzira y’Iman’Irakomeye cane, Kand’isab’ Ukwizera n’ukwihangana; Arikw’ igihumuriz’ umutima wanje, N’ukw’Uwasezeranye Ativuguruza.

Couplet 2

Erega ncuti ibihe bigeze kure, Hang’amaso yawe kuri Isirayeli, Umusokoni wavuzw’ uratotahaye, Menya k’Ugucungurwa kwawe kuri hafi.

Refrain

Inzira y’Iman’Irakomeye cane, Kand’isab’ Ukwizera n’ukwihangana; Arikw’ igihumuriz’ umutima wanje, N’ukw’Uwasezeranye Ativuguruza.

Couplet 3

Ronder’Imana mu gihe bigishoboka, Kuko tukiri muri wa mwaka w’Ubuntu, Ariko nawo nyen’uri hafi gushira, Gur’Amavuta ku Buntu bigishoboka.

Refrain

Inzira y’Iman’Irakomeye cane, Kand’isab’ Ukwizera n’ukwihangana; Arikw’ igihumuriz’ umutima wanje, N’ukw’Uwasezeranye Ativuguruza.

Couplet 4

Mwibuk’ay’inkumi z’ibijuju zabonye, Kuko zitari zifis’ Amavut’akwiye; Zagiye kuyagura maze zigarutse, Zisang’ Umukwe Yamaze kwugak’Urugi.

Refrain

Inzira y’Iman’Irakomeye cane, Kand’isab’ Ukwizera n’ukwihangana; Arikw’ igihumuriz’ umutima wanje, N’ukw’Uwasezeranye Ativuguruza.

Couplet 5

Abiteguye bazumv’Inzamba y’Umwami, Bazonezerwa no Kumubon’ Agarutse, Abapfuye bazutse bazohitanana, N’abariho Gusanganir’ Umwami Yesu.

Refrain

Inzira y’Iman’Irakomeye cane, Kand’isab’ Ukwizera n’ukwihangana; Arikw’ igihumuriz’ umutima wanje, N’ukw’Uwasezeranye Ativuguruza.

Couplet 6

Hazob’Indirimbo nsha n’Ishimwe mw’Ijuru, Daniyeli, Paulo n’Abahizi bose; Bazoshingir’ intahe ivyo baciyemwo, Hazovugw’ ibitangaza vyinshi mw’Ijuru.

Refrain

Inzira y’Iman’Irakomeye cane, Kand’isab’ Ukwizera n’ukwihangana; Arikw’ igihumuriz’ umutima wanje, N’ukw’Uwasezeranye Ativuguruza.

Couplet 7

None ga ncuti wumv’ ugomba kuzobayo? Niwitegure wam’uh’ Iman’ikibanza, Ivy’isi vyose n’ab’isi ntibiguhende, Kukw’ abavyishinga batazoja mw’Ijuru.