#691
Mbega bana b’imana
Umuco 2
Couplet 1
Mbega Bana b’Imana muhora mwe mwibuka, K’Umwami wacu Yesu Ar’Urukundo? Ntimukagir’ ubwoba ariko nimwizere, Iyabahamagaye Izobah’Intsinzi!
Refrain
Twizigir’uwo Mwami muri vyose na hose, Tumukundish’ ubwenge n’imitima yacu yose, {Maz’inkomezi zacu zikor’ ibishimisha, Bihesh’ Icuhahiro Uwo Yadukunze.} x2
Couplet 2
Bene Data bakundwa baraganwa b’Umwami, Mwe mwahaw’ Agakiza ku Buntu bw’Imana, Ntimwanjanjwe kuri Bwo, Yamara mumenye ko Tubikiwe Impera Iyo mw’Ijuru.
Refrain
Iy’izohabw’ Abagendeye mw’Ijambo ryose, Bitwarararits’ico rivuze maze bakumvira; {Ni bo Bazobana n’Imana Isumba vyose, Babone n’Abera batwitangiy’ imbere.} x2
Couplet 3
Igihe n’iki co guhang’ amaso mw’Ijuru, Dutegereze Kugaruka kw’Umukiza, Kuko ntituz’umusi canke habe n’isaha, Ico tuzi Azoza mu gihe gikwiriye.
Refrain
Ivyerekana vyose Ukugaruka kwiwe, Bigaragarir’ imbere yacu bakundwa; {Igisigaye n’iki yemwe Bana b’Imana: Ngwino tuve mu vyacu nta gihe tugifise.} x2
Couplet 4
Mbega kw’Ijambo riz’ukigira sindabibazwa, Ukigir’uwa Mpwemu ugatah’uko waje, Kumbur’ uhindukire urongorwe n’Ijambo, Ahandi h’uragowe n’utisubirako.
Refrain
Mbega ntuzi k’umutima w’umuntu wibesha, Ariko kw’ar’ Iman’Ises’ imitima yacu; {Ikabon’ Ibir’ibwina kure mu mutima, Emera non’utsindwe n’Ijambo ry’Imana.} x2
Couplet 5
None Mukiza Mwiza dutarits’ amaboko, Tuvuga twes’Abawe duti: «Mana yacu, Ngiy’imitima yacu, Yibemwo Uyiganze, Noneho tuyoborwe Nawe, Mwami wacu.»
Refrain
Aho ni ho tuzogenda nk’ukw’ Iman’Igomba Tukaber’ icitegererez’ abandi bose; {Bakizera ku bwacu, kuko babony’ imbuto, Bigatuma bamenya Imana twizeye.} x2
Couplet 6
Ic’umutima wanj’ uhahamiye ni kimwe, N’ugutabaruka nkazoshik’ amahoro; None mutima wanje niwizere vy’ukuri, Kuk’uzoronk’ Impera y’Abatabarutse.
Refrain
Nzishimira tur’imbere y’Imana, Turirimb’ Indirimbo zo Kumushimagiza; {Kuko Yaturindiye mw’isi y’umubabaro, Akatunesherez’ ivyatugerageza.} x2