#693
Ugucungurwa kw’abera
Umuco 2
Refrain
Ugucungurwa kw’Abera kuregereje, Ibimenyetso vy’Umwami bishika vuba, Mbega mwene Data nkunda uriteguye, {Gusanganir’ Umukiza Ari mu bicu?} x2
Couplet 1
Ivyaremwe vyose mw’isi biniha cane, Natwe nyene turaniha mu mitima yacu, Twitez’ Ugucungurwa kw’imibiri yacu, Ngw’ihindurwe misha n’Umwami wacu Yesu; {Maze yambikw’ ukudapfa, ukutabora.} x2
Refrain
Ugucungurwa kw’Abera kuregereje, Ibimenyetso vy’Umwami bishika vuba, Mbega mwene Data nkunda uriteguye, {Gusanganir’ Umukiza Ari mu bicu?} x2
Couplet 2
Ereg’ibimenyetso vyose vyarashitse, Ng’ivyo biragaragara imbere yacu, Ubugarariji mw’isi bwarenz’ urugero, Ukutubaha Imana kwuzuye mw’isi; {Ncuti ngo Dutegereze Umwam’Araje.} x2
Refrain
Ugucungurwa kw’Abera kuregereje, Ibimenyetso vy’Umwami bishika vuba, Mbega mwene Data nkunda uriteguye, {Gusanganir’ Umukiza Ari mu bicu?} x2
Couplet 3
Iki n’igihe kigoye Bana b’Imana, Turakwiye kwiyubar’ uburyo tugenda, Ubu benshi barambiwe n’ugutegereza, Bat’ «Isezerano rya Yesu riri hehe?» {Hahirw’ uwurorer’ Umukw’ atarambirwa.} x2
Refrain
Ugucungurwa kw’Abera kuregereje, Ibimenyetso vy’Umwami bishika vuba, Mbega mwene Data nkunda uriteguye, {Gusanganir’ Umukiza Ari mu bicu?} x2
Couplet 4
Turi ku wa Gatandatu ku Kagoroba, Turimirije kwinjira mu musi w’Indwi, N’igihe giheraheza Urugendo rwacu, Tuzoca tubona nez’Amasezerano; {Maze Tubane n’Umwami Ibihe vyose.} x2
Refrain
Ugucungurwa kw’Abera kuregereje, Ibimenyetso vy’Umwami bishika vuba, Mbega mwene Data nkunda uriteguye, {Gusanganir’ Umukiza Ari mu bicu?} x2
Couplet 5
Numva mpahamiye cane gutah’ Iwacu, Ku Mukiza wacu Yesu iyo twahoze, Vuba cane bidatevye Inzamb’ izovuga, Tuzokwambikw’ Amababa twigir’ Iwacu; {Tuzoshikanwa n’Ubuntu bw’Umwami Yesu.} x2
Refrain
Ugucungurwa kw’Abera kuregereje, Ibimenyetso vy’Umwami bishika vuba, Mbega mwene Data nkunda uriteguye, {Gusanganir’ Umukiza Ari mu bicu?} x2
Couplet 6
Ba maso rero mugenzi igihe n’iki, Ntac’Umwami wac’Akora Atatubwiye, Arashaka kudusanga twambay’ iz’Ubukwe, Ntiwiyanduze na gat’iyubare cane; {Umukiz’ Azogusange ata gasembwa.} x2