Indirimbo Zikundwa Open in the app

#693

Ugucungurwa kw’abera

Umuco 2

Refrain

Ugucungurwa kw’Abera kuregereje, Ibimenyetso vy’Umwami bishika vuba, Mbega mwene Data nkunda uriteguye, {Gusanganir’ Umukiza Ari mu bicu?} x2

Couplet 1

Ivyaremwe vyose mw’isi biniha cane, Natwe nyene turaniha mu mitima yacu, Twitez’ Ugucungurwa kw’imibiri yacu, Ngw’ihindurwe misha n’Umwami wacu Yesu; {Maze yambikw’ ukudapfa, ukutabora.} x2

Refrain

Ugucungurwa kw’Abera kuregereje, Ibimenyetso vy’Umwami bishika vuba, Mbega mwene Data nkunda uriteguye, {Gusanganir’ Umukiza Ari mu bicu?} x2

Couplet 2

Ereg’ibimenyetso vyose vyarashitse, Ng’ivyo biragaragara imbere yacu, Ubugarariji mw’isi bwarenz’ urugero, Ukutubaha Imana kwuzuye mw’isi; {Ncuti ngo Dutegereze Umwam’Araje.} x2

Refrain

Ugucungurwa kw’Abera kuregereje, Ibimenyetso vy’Umwami bishika vuba, Mbega mwene Data nkunda uriteguye, {Gusanganir’ Umukiza Ari mu bicu?} x2

Couplet 3

Iki n’igihe kigoye Bana b’Imana, Turakwiye kwiyubar’ uburyo tugenda, Ubu benshi barambiwe n’ugutegereza, Bat’ «Isezerano rya Yesu riri hehe?» {Hahirw’ uwurorer’ Umukw’ atarambirwa.} x2

Refrain

Ugucungurwa kw’Abera kuregereje, Ibimenyetso vy’Umwami bishika vuba, Mbega mwene Data nkunda uriteguye, {Gusanganir’ Umukiza Ari mu bicu?} x2

Couplet 4

Turi ku wa Gatandatu ku Kagoroba, Turimirije kwinjira mu musi w’Indwi, N’igihe giheraheza Urugendo rwacu, Tuzoca tubona nez’Amasezerano; {Maze Tubane n’Umwami Ibihe vyose.} x2

Refrain

Ugucungurwa kw’Abera kuregereje, Ibimenyetso vy’Umwami bishika vuba, Mbega mwene Data nkunda uriteguye, {Gusanganir’ Umukiza Ari mu bicu?} x2

Couplet 5

Numva mpahamiye cane gutah’ Iwacu, Ku Mukiza wacu Yesu iyo twahoze, Vuba cane bidatevye Inzamb’ izovuga, Tuzokwambikw’ Amababa twigir’ Iwacu; {Tuzoshikanwa n’Ubuntu bw’Umwami Yesu.} x2

Refrain

Ugucungurwa kw’Abera kuregereje, Ibimenyetso vy’Umwami bishika vuba, Mbega mwene Data nkunda uriteguye, {Gusanganir’ Umukiza Ari mu bicu?} x2

Couplet 6

Ba maso rero mugenzi igihe n’iki, Ntac’Umwami wac’Akora Atatubwiye, Arashaka kudusanga twambay’ iz’Ubukwe, Ntiwiyanduze na gat’iyubare cane; {Umukiz’ Azogusange ata gasembwa.} x2