#690
Mbega mwene data nkunda
Umuco 2
Couplet 1
Mbega mwene Data nkunda, Uri ku Rugamba, N’urabe ingen’ ugwana, ntugwanire mu mubiri, Wibwira k’uri mu Kuri ariko wibesha, N’ukor’ Ic’Ijambo Rigusaba.
Refrain
Gendera mu Kuri, rab’Umusaraba, Nturabe hirya no hino, cank’urab’umuntu, Tumber’ Ukuri kuzima, weger’Uhoraho, Uzoronk’ Intsinzi muri vyose.
Couplet 2
Reka kwishimir’ ubwenge cank’ivyiyumviro, Umuntu yama yibesha, Imana ni Y’Itibesha, Nimuze duce bugufi mu mitima yacu, Tureke kugarariz’Imana.
Refrain
Gendera mu Kuri, rab’Umusaraba, Nturabe hirya no hino, cank’urab’umuntu, Tumber’ Ukuri kuzima, weger’Uhoraho, Uzoronk’ Intsinzi muri vyose.
Couplet 3
Mwene Data we wakunzwe ntufate mwene So, Nk’uko yoba ar’Umwansi musangiye vyose, Raba twese tur’Ingenzi kandi tuja hamwe Mu Bwami bw’Uhorah’Imana.
Refrain
Gendera mu Kuri, rab’Umusaraba, Nturabe hirya no hino, cank’urab’umuntu, Tumber’ Ukuri kuzima, weger’Uhoraho, Uzoronk’ Intsinzi muri vyose.
Couplet 4
Gir’ipfuhe ry’Igikorwa cawe Mwami Yesu, Menagur’ ibintu vyose Satani yubatse, Worosh’ imitima yacu uyigir’Iyawe, Kugira duce bugufi cane.