Indirimbo Zikundwa Open in the app

#687

Iyo ni yo Mana nzokorera

Umuco 2

Couplet 1

Iyo ni Yo Mana je nzokorera, Kuko ni Yo gusa nahishuriwe, Kandi ni We Mana Yaducunguye, Izina Ryiwe rishirwe hejuru.

Refrain

Mwami Yesu Nyen’ Ubushobozi, Komeza Mana utwihishurire, Kuko nta rindi Zina dukeneye, Atari Kristo Uwatubambiwe.

Couplet 2

Dufashe Mwami twes’Abana Bawe; Ijambo Ryaw’ Uriduhishurire, Ni ho n’impwemu ziza zizimiza, zibur’ icicaro mu Bana Bawe.

Refrain

Mwami Yesu Nyen’ Ubushobozi, Komeza Mana utwihishurire, Kuko nta rindi Zina dukeneye, Atari Kristo Uwatubambiwe.

Couplet 3

Nta jambo ry’umuntu ubu dukeneye, Dushak’ Ijambo rivuye mw’Ijuru, Turons’ Ijambo ryawe Mpwemu Yera, Riduh’ Ubugingo tukanonoka.

Refrain

Mwami Yesu Nyen’ Ubushobozi, Komeza Mana utwihishurire, Kuko nta rindi Zina dukeneye, Atari Kristo Uwatubambiwe.

Couplet 4

Mfasha mfat’inanga je ncurarange, Kuko Mukiz’iy’ Utwihishuriye, Inkomezi zica zongerekana, Umugwaniz’ akabur’icicaro.

Refrain

Mwami Yesu Nyen’ Ubushobozi, Komeza Mana utwihishurire, Kuko nta rindi Zina dukeneye, Atari Kristo Uwatubambiwe.

Couplet 5

Nta kintu Mwami twe twokwishoboza, Nta bikorwa namba nta Kugororoka, Ubuntu bwawe buraduhagije, Uwirata wese yirate Kristo.

Refrain

Mwami Yesu Nyen’ Ubushobozi, Komeza Mana utwihishurire, Kuko nta rindi Zina dukeneye, Atari Kristo Uwatubambiwe.

Couplet 6

Nta zindi mpwemu Mwami dukeneye, Dusavye twese Mpwemu wawe Kristo, Kuko ni We gus’Az’ivyo dukenye, Kukw’ari We Mwungere Atuyobora.

Refrain

Mwami Yesu Nyen’ Ubushobozi, Komeza Mana utwihishurire, Kuko nta rindi Zina dukeneye, Atari Kristo Uwatubambiwe.

Couplet 7

Twipfuza Yesu kwama tukubona, Mu vyo Waremye tukakwibonera, Muri bito tukaguhishurirwa, Mw’Ijambo Ryawe tukakwibonera.

Refrain

Mwami Yesu Nyen’ Ubushobozi, Komeza Mana utwihishurire, Kuko nta rindi Zina dukeneye, Atari Kristo Uwatubambiwe.

Couplet 8

Dusabiye Yesu abo Wadushiz’ imbere, Iyo bavuga bavugishwe na We, Iyo bakora bakoreshwe Nawe, Ni naho twese turonk’ inkomezi.

Refrain

Mwami Yesu Nyen’ Ubushobozi, Komeza Mana utwihishurire, Kuko nta rindi Zina dukeneye, Atari Kristo Uwatubambiwe.

Couplet 9

Nah’Intambara zob’umurengera, Bikadusaba guheb’ amagara, Mu Mwami Yesu har’Ubushobozi bwo Kutuzura tukaba bazima.