#688
Nta wundi jewe mfise
Umuco 2
Couplet 1
Nta wundi jewe mfise mw’Ijuru no mw’isi, Atar’ Umukiza Yankunze Yesu-Kristo, Mbega ni nde yob’ahwanye Nawe Mukiza? Mu bariho bose kw’Ari Wew’Ur’Uwera.
Refrain
{Eka nta wuriho nta n’uwuzobaho, Kandi nta n’uwiteze yemwe kuza, yoz’andutira Uwancunguye Akankiza, Iman’Ihorah’ Umuremyi wanje.} x2
Couplet 2
Nimurabe mwes’Urukundo rw’uwo Mwami, Yasiz’Icubahiro ciw’Az’aha mw’isi, Yitanze ku Musarab’ Ases’Amaraso, Kugira ngo jewe nawe Duharirw’ivyaha.
Refrain
{Musi y’Amaraso ni ho ndonk’ Amahoro, Kandi ni y’Umwami Yes’Amboneramwo, Musi y’Amaraso ni ho ndonkera vyose; None Mwami Yesu mpa kutahav’ ukundi.} x2
Couplet 3
Bene Data nimuze twicishe bugufi, Maze dushire hejur’Izina ry’Imana, Ntah’umwana w’umunt’ azoshirwa hejuru, Ngw’Iman’ Ivyihanganire habe na gato.
Refrain
{Ewe Yesu-Kristo nzogukunda nkiriho, Eka n’aho nzoba ngeze ku mpfiro, Kuk’Ur’ Iman’Ipfuhir’ Igikorwa cayo, Non’Ishimw’ Icubahiro n’Ivyawe.} x2
Couplet 4
Bwirukiro We Mana y’Imbabazi nyinshi, Urama Mukiz’ Utabar’abo Wakunze, Erega ni Wewe twizeye gusa Mwami, Ngwino rer’Uganz’ imitima yacu twese.
Refrain
{Ewe Yesu-Kristo nzogukunda nkiriho, Eka n’aho nzoba ngeze ku mpfiro, Kuk’Ur’ Iman’Ipfuhir’ Igikorwa cayo, Non’Ishimw’ Icubahiro n’Ivyawe.} x2
Couplet 5
Eh’igihe kirakuze muze tube maso, Ntidusamazwe n’ivyo Satan’ avumbura, N’ukugira ngw’asamaz’ Abana b’Imana, Maz’abacemw’ imigwi hab’ukudahuza.
Refrain
{Bene Data igihe cavyo carenganye, Ahubwo tugir’ ubumwe bwa Mpwemu; Maze tugwanire mu Rukundo rw’Imana, Muzobon’ Intsinzi y’Umwam’ishika.} x2
Couplet 6
Igihe c’Ukugaruka c’Umukw’ Adukunda, Kiregereje cane rwose bavukanyi, Ijambo tubwirwa n’Iritegur’ Umugeni Rimutunganya, Rimweza Rimuh’ibikwiye.
Refrain
{Bene Data igihe cavyo carenganye, Ahubwo tugir’ ubumwe bwa Mpwemu; Maze tugwanire mu Rukundo rw’Imana, Muzobon’ Intsinzi y’Umwam’ishika.} x2